29 Yobu yongera kuvuga ijambo ryiwe ry’akagani ati:
2 “Ese iyo mba meze nko mu mezi ya kera+,
Nko muri ya misi Imana yandinda+;
3 Igihe yatuma itara ryayo ryakira ku mutwe wanje,
Igihe naca mu mwiza murikiwe n’umuco wayo+;
4 Nk’uko nari meze mu misi naritera nkarisama+,
Igihe ubugenzi somambike n’Imana bwari mw’ihema ryanje+;
5 Igihe Mushoboravyose yari akiri kumwe nanje,
Igihe abasuku banje bari bankikije hose!
6 Igihe noza intambuko zanje mu masoro,
Igitandara na co kikaguma kincuncuburira imigezi y’amavuta+;
7 Igihe nasohoka kw’irembo iruhande y’igisagara+,
Ngategura icicaro canje mu kibanza ca bose+!
8 Uduhungu twarambona tukinyegeza,
Mbere n’abasaza barahaguruka, bakaguma bahagaze+.
9 Abaganwa ubwabo baratangīra amajambo,
Bagashira ukuboko ku munwa+.
10 Ijwi ry’indongozi ryarinyegeza,
Ururimi rwabo rukamata mu magage+.
11 Kuko, ugutwi kwarumviriza kukanyita umuhirwe,
N’ijisho ryarabona rikanshingira intahe.
12 Kuko natabara umurushwa atabaza+,
Impfuvyi n’uwundi wese atagira gifasha+.
13 Umuhezagiro+ w’uwugira acikane waraza kuri jewe,
Kandi umutima w’umupfakazi narawunezereza+.
14 Narambara ubugororotsi, na bwo bukanyambika+.
Ubutungane bwanje bwari bumeze nk’umwitero utagira amaboko, mbere nk’igitambara co mu mutwe.
15 Nabera amaso impumyi+,
Nkabera n’ibirenge uwucumbagira.
16 Nari se nyawe w’aboro+;
Urubanza rw’uwo ntazi, nararwihweza+.
17 Naravunagura imibangabanga y’inkozi y’ikibi+,
Ngashikura mu menyo yayo ico yacakiye.
18 Nahora mvuga nti: ‘Nzocikanira+ mu cari canje,
Nzogwiza imisi yanje nk’udutete tw’umusenyi+.
19 Umuzi wanje wugururiwe amazi+,
Kandi ikime kizomara ijoro ryose kw’ishami ryanje.
20 Ubuninahazwa bwanje buguma butotahaye kuri jewe,
Kandi umuheto wanje mu kuboko kwanje uzorasa wisubiriza.’
21 Baranyumviriza; bararindira,
Bakaguma bacereje barindiriye impanuro yanje+.
22 Inyuma y’ijambo ryanje ntibongera kuvuga,
Ijambo ryanje rigatonyangira kuri bo+.
23 Barandindira nk’uko barindira imvura+,
Akanwa kabo bakagatabururira imvura y’impeshi+.
24 Narabatwengera, na bo ntibavyemere,
Umuco wo mu maso hanje+ ntibawuterera hasi.
25 Narabahitiramwo inzira, nkicara nk’umukuru;
Nari mbayeho nk’umwami mu ngabo ziwe+,
Nk’uwuhoza abagandaye+.