Ku wa gatanu, 12 Nyakanga
Ibintu vyo kuri iyi si biriko birahinduka.—1 Kor. 7:31.
Numenyekane ko uri umuntu atarenza urugero. Niwibaze uti: ‘Abantu boba babona ko ndi umuntu atarenza urugero, yiyorosha kandi yihanganira abandi? Canke babona ko ndi umuntu adadaza, akavya canke adakurwa kw’ijambo? Noba numviriza abandi maze igihe bibereye nkemera ivyiyumviro vyabo?’ Urugero tugezako mu kutarenza urugero, rurerekana aho tugeza mu kwigana Yehova na Yezu. Kutarenza urugero birimwo no kwemera guhuza n’amahinduka adushikira mu buzima. Ayo mahinduka arashobora kuduteza ingorane tutaba twiteze. Nk’akarorero, twoshobora kurwara bukwi na bukwi, canke na ho amahinduka aba giturumbuka mu vy’ubutunzi canke mu vya politike, yoshobora gutuma ubuzima bugora cane. (Umus. 9:11) Mbere n’igihe agateka k’umurimo twari dufise gahindutse, birashobora kutubera urugamba. Turashobora kuvyifatamwo neza mu mahinduka yodushikira hamwe twokora ibi bintu bine bikurikira: (1) kwemera ivyashitse, (2) kwiyumvira ivya kazoza, (3) kubona ibintu mu buryo bwiza, hamwe no (4) gufasha abandi. w23.07 21-22 ing. 7-8
Ku wa gatandatu, 13 Nyakanga
Uri umuntu akundwa cane.—Dan. 9:23.
Umuhanuzi Daniyeli yari muto igihe Abanyababiloni batera bakamujana ari imbohe kure y’iwabo. Mugabo biboneka ko abafashe Daniyeli bamushimye. Baravye «ibiboneka inyuma» babona ko yari umusore “atagira akanenge, asa neza” be n’uko yava mu muryango uhambaye. (1 Sam. 16:7) Ni co gituma Abanyababiloni bamumenyereje kugira abe umuntu akomeye wo ku kirimba. (Dan. 1:3, 4, 6) Yehova yarakunda Daniyeli kubera ukuntu yari ameze. Daniyeli ashobora kuba yariko ararengana imyaka y’ubuyabaga canke ari mu ntango z’imyaka 20 igihe Yehova yamuvuga neza nka Nowa na Yobu, abo bakaba bari abagabo bamaze imyaka myinshi bihesha izina ryiza imbere y’Imana. (Ita. 5:32; 6:9, 10; Yobu 42:16, 17; Ezk. 14:14) Kandi Yehova yagumye akunda Daniyeli mu buzima bwiwe bwose bwaranzwe n’ibintu bikomeye.—Dan. 10:11, 19. w23.08 2 ing. 1-2
Ku wa mungu, 14 Nyakanga
[Nutahure] bimwe bishitse ubwaguke n’uburebure bw’amakika, ubw’amahagarara n’ubw’amajepfo.»—Ef. 3:18.
Igihe wipfuza kugura inzu, woshima kwirabira ibintu vyose bigize iyo nzu wipfuza kuzobamwo. Turashobora gukora ikintu nk’ico igihe dusoma Bibiliya n’igihe tuyiga. Uyisomye wihutagiza, woshobora kumenya ibintu vy’intango gusa, ni ukuvuga «ibintu vy’ishimikiro vy’amajambo meranda y’Imana.» (Heb. 5:12) Ahubwo riho, ukwiye gusuzuma amakuru y’ido n’ido itekeye, nka kurya kwa wa muntu yinjira mu nzu. Uburyo bwiza cane bwo kwiga Bibiliya ni ukuraba ukuntu imice itandukanye y’ubutumwa bwayo ifitaniye isano. Ntugerageze gusa gutahura ivyo wemera, ahubwo ugerageze no gutahura igituma uvyemera. Kugira dutahure Ijambo ry’Imana bimwe bikwiye, dutegerezwa kwiga ukuri kwimbitse ririmwo. Intumwa Pawulo yahimirije abakirisu bagenziwe kwiga Ijambo ry’Imana n’umwete kugira ngo «[batahure] bimwe bishitse ubwaguke n’uburebure bw’amakika, ubw’amahagarara n’ubw’amajepfo» bw’ukuri. Ivyo vyotumye barushiriza “gushinga imizi no kuba abafashe ku mushinge” mu kwizera. (Ef. 3:14-19) Ivyo ni vyo natwe dukwiye kugira. w23.10 18 ing. 1-3