13 Asa n’abantu bari kumwe na we baguma babakurikira gushika i Gerari+, abo mu Banyetiyopiya na bo babandanya kugwa gushika aho ata n’umwe muri bo asigara ari muzima; kuko bamenaguriwe imbere ya Yehova+ n’imbere y’ikambi yiwe+. Mu nyuma batwara isahu ryinshi cane+.