14 Hezekiya umwami wa Yuda atuma rero ku mwami wa Ashuri i Lakishi ati: “Naracumuye. Hindukira ureke kuntera. Ico untegeka cose nzogikora+.” Nuko umwami wa Ashuri yaka Hezekiya umwami wa Yuda italanto+ amajana atatu z’ifeza n’italanto mirongo itatu z’inzahabu.