3 Ndi hano. Nimunyagirize imbere ya Yehova n’imbere y’uwo yarobanuje amavuta+: Ni ishūri ya nde natwaye canke ni indogobwa ya nde natwaye+? Ni nde nagunze canke ni nde nakandamije? Ni mu kuboko kwa nde nakiriye amahera y’igipfukamunwa kugira ndayakoreshe mu kwihuma amaso+? Ndabibasubiza+.”