Gusubira mu vyagezwe 28:49 Bibiliya y’isi nshasha 49 “Yehova azoguhagurukiriza ihanga rya kure+, rivuye ku mpera y’isi, nka kurya inkona ishunguruka kunyahura ikintu+, ihanga rivuga ururimi utumva+, 2 Abami 18:26 Bibiliya y’isi nshasha 26 Eliyakimu+ mwene Hilikiya, na Shebuna+ na Yowa+ baca babwira Rabushake+ bati: “Turakwinginze uvugane n’abasuku bawe mu rurimi rw’igisiriya+, turumva; ntuvugane natwe mu rurimi rw’Abayuda+ mu matwi y’abantu bari ku ruhome.” Yesaya 28:11 Bibiliya y’isi nshasha 11 Kuko azobwira iki gisata+ biciye ku bagigimiza n’iminwa yabo+ no ku rurimi rumeze ukundi+, Yeremiya 5:15 Bibiliya y’isi nshasha 15 “Ehe ngira ndabazaneko ihanga ndarikuye kure+, ewe nzu ya Isirayeli,” ni ko Yehova avuze. “Ni ihanga riramvye+. Ni ihanga rya kera, ihanga rivuga ururimi utazi, kandi ntushobora gutahura ivyo bavuga.
49 “Yehova azoguhagurukiriza ihanga rya kure+, rivuye ku mpera y’isi, nka kurya inkona ishunguruka kunyahura ikintu+, ihanga rivuga ururimi utumva+,
26 Eliyakimu+ mwene Hilikiya, na Shebuna+ na Yowa+ baca babwira Rabushake+ bati: “Turakwinginze uvugane n’abasuku bawe mu rurimi rw’igisiriya+, turumva; ntuvugane natwe mu rurimi rw’Abayuda+ mu matwi y’abantu bari ku ruhome.”
15 “Ehe ngira ndabazaneko ihanga ndarikuye kure+, ewe nzu ya Isirayeli,” ni ko Yehova avuze. “Ni ihanga riramvye+. Ni ihanga rya kera, ihanga rivuga ururimi utazi, kandi ntushobora gutahura ivyo bavuga.