Zaburi 72:16 Bibiliya y’isi nshasha 16 Hazoba umukimba w’intete kw’isi+;Kw’isonga ry’imisozi hazoba umusesekara+.Ivyamwa vyiwe bizoba nk’i Libani+,Kandi abo mu gisagara bazoshurika nk’ibimera vyo kw’isi+. Yesaya 60:13 Bibiliya y’isi nshasha 13 “Ubuninahazwa bwa Libani buzoza kuri wewe, igiti c’umuberoshi, igiti c’umutidari be n’akajwari icarimwe+, kugira ngo ikibanza c’aheranda hanje gisharizwe+; kandi nzoninahaza ikibanza c’ibirenge vyanje+. Yesaya 61:3 Bibiliya y’isi nshasha 3 guha abagandariye Siyoni, kubaha icambarwa co mu mutwe mu kibanza c’iminyota+, amavuta y’umwigino+ mu kibanza c’ikigandaro, umutamana w’ishemezo mu kibanza c’umutima udendebukiwe+; kandi bazokwitwa vy’ukuri ibiti bininibinini vy’ubugororotsi+, umurima watewe na Yehova+, kugira ngo asharizwe+. Hoseya 14:6 Bibiliya y’isi nshasha 6 Iminago yiwe izonaga, iteka ryiwe ribe nk’iry’igiti c’umwelayo+, ugutamirana kwiwe na kwo kube nk’ukwa Libani.
16 Hazoba umukimba w’intete kw’isi+;Kw’isonga ry’imisozi hazoba umusesekara+.Ivyamwa vyiwe bizoba nk’i Libani+,Kandi abo mu gisagara bazoshurika nk’ibimera vyo kw’isi+.
13 “Ubuninahazwa bwa Libani buzoza kuri wewe, igiti c’umuberoshi, igiti c’umutidari be n’akajwari icarimwe+, kugira ngo ikibanza c’aheranda hanje gisharizwe+; kandi nzoninahaza ikibanza c’ibirenge vyanje+.
3 guha abagandariye Siyoni, kubaha icambarwa co mu mutwe mu kibanza c’iminyota+, amavuta y’umwigino+ mu kibanza c’ikigandaro, umutamana w’ishemezo mu kibanza c’umutima udendebukiwe+; kandi bazokwitwa vy’ukuri ibiti bininibinini vy’ubugororotsi+, umurima watewe na Yehova+, kugira ngo asharizwe+.
6 Iminago yiwe izonaga, iteka ryiwe ribe nk’iry’igiti c’umwelayo+, ugutamirana kwiwe na kwo kube nk’ukwa Libani.