11 Umwe ahamagara i burasirazuba inyoni ihiga+, agahamagara mu gihugu ca kure umuntu wo gushitsa impanuro yanje+. Narabivuze; no kubishitsa nzobishitsa+. Naravyiyumviriye, no kubikora nzobikora+.
12 Uwa gatandatu+ na we asuka ibakure yiwe kuri rwa ruzi runini Efurate+, amazi yarwo aca arakama+, kugira ngo inzira itegurwe ku bw’abami+ bava i burasirazuba.