Zaburi 115:4 Bibiliya y’isi nshasha 4 Ibigirwamana vyabo ni ifeza n’inzahabu+,Igikorwa c’amaboko y’umuntu yakuwe mw’ivu+. Yesaya 44:9 Bibiliya y’isi nshasha 9 Abahinguzi b’igishusho c’ikibazano bose ni ikintu kitabaho+, kandi ivyo bikundira cane nta co bizomara+; kandi cokimwe n’ivyabona vyabo, nta co babona kandi nta co bazi+, kugira ngo bamaramare+. Yeremiya 10:5 Bibiliya y’isi nshasha 5 Bimeze nk’igikanganyoni co mu murima w’amakonkombure, ntibishobora kuvuga+. Ntibabura kubirerura, kuko bidashobora gutera intambwe+. Ntutinye kubera vyo, kuko ata kibi bishobora gukora, kandi nta n’iciza bishobora gukora+.” Habakuki 2:18 Bibiliya y’isi nshasha 18 Mbega igishusho c’ikibazano kimaze iki+, ngo uwagihinguye abe yarakibāje, canke igishushanyo co mu cuma gishongeshejwe, n’umwigisha w’ibinyoma+, ngo uwagihinguye abe acizigira+, gushika aho akora imana ata co zimaze, z’ibiragi+? 1 Abakorinto 8:4 Bibiliya y’isi nshasha 4 Nayo ku vy’ukurya+ ibifungurwa vyashikaniwe ibigirwamana, turazi ko ikigirwamana ari ubusa+ mw’isi, be n’uko ata yindi Mana iriho atari imwe+.
9 Abahinguzi b’igishusho c’ikibazano bose ni ikintu kitabaho+, kandi ivyo bikundira cane nta co bizomara+; kandi cokimwe n’ivyabona vyabo, nta co babona kandi nta co bazi+, kugira ngo bamaramare+.
5 Bimeze nk’igikanganyoni co mu murima w’amakonkombure, ntibishobora kuvuga+. Ntibabura kubirerura, kuko bidashobora gutera intambwe+. Ntutinye kubera vyo, kuko ata kibi bishobora gukora, kandi nta n’iciza bishobora gukora+.”
18 Mbega igishusho c’ikibazano kimaze iki+, ngo uwagihinguye abe yarakibāje, canke igishushanyo co mu cuma gishongeshejwe, n’umwigisha w’ibinyoma+, ngo uwagihinguye abe acizigira+, gushika aho akora imana ata co zimaze, z’ibiragi+?
4 Nayo ku vy’ukurya+ ibifungurwa vyashikaniwe ibigirwamana, turazi ko ikigirwamana ari ubusa+ mw’isi, be n’uko ata yindi Mana iriho atari imwe+.