ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Zaburi 115:4
    Bibiliya y’isi nshasha
    •  4 Ibigirwamana vyabo ni ifeza n’inzahabu+,

      Igikorwa c’amaboko y’umuntu yakuwe mw’ivu+.

  • Yesaya 44:9
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 9 Abahinguzi b’igishusho c’ikibazano bose ni ikintu kitabaho+, kandi ivyo bikundira cane nta co bizomara+; kandi cokimwe n’ivyabona vyabo, nta co babona kandi nta co bazi+, kugira ngo bamaramare+.

  • Yeremiya 10:5
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 5 Bimeze nk’igikanganyoni co mu murima w’amakonkombure, ntibishobora kuvuga+. Ntibabura kubirerura, kuko bidashobora gutera intambwe+. Ntutinye kubera vyo, kuko ata kibi bishobora gukora, kandi nta n’iciza bishobora gukora+.”

  • Habakuki 2:18
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 18 Mbega igishusho c’ikibazano kimaze iki+, ngo uwagihinguye abe yarakibāje, canke igishushanyo co mu cuma gishongeshejwe, n’umwigisha w’ibinyoma+, ngo uwagihinguye abe acizigira+, gushika aho akora imana ata co zimaze, z’ibiragi+?

  • 1 Abakorinto 8:4
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 4 Nayo ku vy’ukurya+ ibifungurwa vyashikaniwe ibigirwamana, turazi ko ikigirwamana ari ubusa+ mw’isi, be n’uko ata yindi Mana iriho atari imwe+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika