ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Kuvayo 32:4
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 4 Maze atora nya nzahabu mu maboko yabo, ayiha imero+ akoresheje itindo, ayikoramwo igishushanyo c’inyana y’icuma gishongeshejwe+. Hanyuma batangura kuvuga bati: “Iyi ni yo Mana yawe, ewe Isirayeli, yakuduganye igukuye mu gihugu ca Misiri+.”

  • Yesaya 40:19
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 19 Umuhinguzi w’utugenegene yakoze igishusho mu cuma gishongeshejwe+, uwukora ivy’ivyuma agikuyengezako inzahabu+, kandi acura iminyororo y’ifeza+.

  • Yeremiya 10:9
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 9 Bazana ifeza yahondaguwe igacika utubate bayikuye i Tarushishi+, n’inzahabu bayikuye i Ufazi+, ivyahinguwe n’umuhinguzi w’utugenegene be n’amaboko y’uwukora ivy’ivyuma; ivyambarwa vyavyo ni inyuzi z’ubururu be n’ubwoya buzize ibara ry’umuyugubwe ugomba gutukura. Vyose ni ibihingurwa n’abantu b’abahanga+.

  • Habakuki 2:18
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 18 Mbega igishusho c’ikibazano kimaze iki+, ngo uwagihinguye abe yarakibāje, canke igishushanyo co mu cuma gishongeshejwe, n’umwigisha w’ibinyoma+, ngo uwagihinguye abe acizigira+, gushika aho akora imana ata co zimaze, z’ibiragi+?

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika