ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Yesaya 11:16
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 16 Kandi hazobaho koko inzira y’ikirari+ iva muri Ashuri ku bw’amasigarira+ y’abantu biwe bazoba basigaye+, nk’uko nyene habayeho inzira ya Isirayeli wa musi yaduga avuye mu gihugu ca Misiri.

  • Yesaya 65:10
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 10 Sharoni+ hazocika koko itongo ryo kuragiramwo intama+, ikiyaya co hasi ca Akori+ na co gicike ahantu inka ziruhukira, ku bw’abantu banje bazoba bandondeye+.

  • Yeremiya 23:3
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 3 “Jewe nzokoraniriza hamwe amasigarira y’intama zanje ndazikuye mu bihugu vyose nari narazishwiragirijemwo+, ndazigarukane mw’itongo ry’uburagiriro ryazo+, na zo zizorondoka koko, zigwire+.

  • Yeremiya 33:7
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 7 Nzogarukana abagizwe imbohe ba Yuda n’abagizwe imbohe ba Isirayeli+, kandi nzobubaka nko mu ntango+.

  • Mika 2:12
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 12 “‘Ewe Yakobo, sinzobura kugukoranya wese+; egome, nzokoraniriza hamwe amasigarira ya Isirayeli+. Nzobashira hamwe, nk’umukuku mu rugo rw’ibitungwa, nk’ubusho hagati mu buragiriro bwabwo+; ng’aho hazoba urwamo rw’abantu+’.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika