ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Kuvayo 16:29
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 29 Ntimwibagire ko jewe Yehova nabahaye isabato+. Ni co gituma ku wa gatandatu ndabaha ibifungurwa vy’imisi ibiri. Ku musi ugira indwi, umwe wese akwiye kuguma aho ari. Nta n’umwe akwiye kuva muhira iwe.»

  • Kuvayo 20:8-11
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 8 Wibuke kwubahiriza umusi w’isabato kugira ugume ari mweranda+. 9 Uzokora ibikorwa vyawe vyose mu misi itandatu+, 10 mugabo umusi ugira indwi ni isabato ya Yehova Imana yawe. Ntuze ukore igikorwa na kimwe, yaba wewe, umuhungu wawe, umukobwa wawe, umushumba wawe w’umugabo canke w’umugore, igitungwa cawe canke kavamahanga aba mu mahema yawe+. 11 Kuko Yehova yaremye ijuru n’isi, ikiyaga n’ibintu vyose biri muri vyo mu misi itandatu, agatangura kuruhuka ku musi ugira indwi+. Ni co gituma Yehova yahezagiye umusi w’isabato, akawugira mweranda.

  • Gusubira mu vyagezwe 5:12-14
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 12 Wubahirize umusi w’isabato kugira ugume ari mweranda, nk’uko Yehova Imana yawe yabigutegetse+. 13 Uzokora ibikorwa vyawe vyose mu misi itandatu+, 14 mugabo umusi ugira indwi ni isabato ya Yehova Imana yawe+. Ntuze ukore igikorwa na kimwe+, yaba wewe, umuhungu wawe, umukobwa wawe, umushumba wawe w’umugabo canke w’umugore, impfizi yawe, indogobwa yawe, igitungwa cawe ico ari co cose canke kavamahanga aba mu bisagara* vyawe+, kugira umushumba wawe w’umugabo canke w’umugore aruhuke cokimwe nawe+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika