ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • 2 Samweli 17:23
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 23 Ahitofeli abonye ko batakurikije impanuro yabahaye, aca ategura indogobwa ayurirako, aja iwe mu gisagara iwabo+. Asiga atunganije* ivyo mu rugo rwiwe+, aca arimanika*+ arapfa. Baca bamuhamba aho bahamvye ba sekuruza.

  • 2 Samweli 18:14
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 14 Yowabu aca avuga ati: «Mbisa, urabona uyu mwanya wose untesheje!» Aca afata uducumu* dutatu atuzibura Abusalomu mu mutima. Yari akiri muzima, yenena muri ca giti kinini.

  • Zaburi 109:15
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 15 Ese Yehova yokwama yibuka ivyo bakoze,

      akabafuta kw’isi ku buryo ata n’uwusubira kubibuka+!

  • Matayo 27:3
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 3 Hanyuma Yuda, umwe yamugurisha, abonye ko Yezu bamuciriye urwo gupfa, aricuza aca asubiza vya biceri 30 vy’ifeza abakuru b’abaherezi n’abashingantahe+,

  • Matayo 27:5
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 5 Aca aterera vya biceri vy’ifeza mu rusengero, hanyuma aragenda ariyahura+.

  • Ivyakozwe 1:16
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 16 «Bagabo benewacu, vyari bikenewe ko icanditswe kiranguka, kimwe impwemu nyeranda yavuga imbere y’igihe biciye kuri Dawidi ku vyerekeye Yuda+ umwe yayobora abafashe Yezu+.

  • Ivyakozwe 1:18
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 18 (Uwo mugabo nyene rero, amaze kugura itongo impembo yahawe kubera ibintu bitagororotse yakoze+, yaraguye atanguje umutwe, umutumba wiwe uca uraturika*, ivyo mu nda vyose birasanzara+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika