Zaburi 119:147 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 147 Mvyuka butaraca* kugira ndagutakambire+,kuko nizigira amajambo yawe. Daniyeli 6:10 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 10 Daniyeli acumva ko iryo tegeko ryateweko umukono, aca arataha, kandi icumba ciwe co hejuru cari gifise amadirisha araba i Yeruzalemu+. Gatatu ku musi yarapfukama agasenga, akongera agashemeza Imana yiwe nk’uko yari asanzwe abigira.
10 Daniyeli acumva ko iryo tegeko ryateweko umukono, aca arataha, kandi icumba ciwe co hejuru cari gifise amadirisha araba i Yeruzalemu+. Gatatu ku musi yarapfukama agasenga, akongera agashemeza Imana yiwe nk’uko yari asanzwe abigira.