-
Mariko 11:15-17Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
15 Nuko bashika i Yeruzalemu. Aca yinjira mu rusengero maze ahindira hanze abariko baragura n’abariko baragurisha. Ahenagura imeza z’abavunjayi n’intebe z’abariko bagurisha inuma+, 16 kandi nta muntu n’umwe yemerera gucisha ikintu* mu rusengero. 17 Maze arabigisha, ababwira ati: «None ntivyanditswe ngo: “Inzu yanje izokwitwa inzu isengerwamwo n’amahanga yose+?” Ariko mwebwe mwayigize isenga ry’abambuzi+.»
-
-
Yohani 2:13-17Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
13 Ico gihe Pasika+ y’Abayuda yari yegereje, Yezu aca aduga i Yeruzalemu. 14 Yinjiye mu rusengero, asangayo abariko baragurisha inka, intama n’inuma+ hamwe n’abavunjayi bicaye mu bibanza vyabo. 15 Amaze gutsiba imigozi akayigira nk’ikimoko, aca yirukana abantu bose mu rusengero, bagenda bajanye n’intama zabo n’inka zabo. Asanzaza ibiceri vy’abavunjayi yongera atembagaza imeza zabo+. 16 Abwira abariko baragurisha inuma ati: «Kura ivyo bintu ng’aha! Nimureke guhindura inzu ya Dawe isoko*+!» 17 Abigishwa biwe baca bibuka ko handitswe ngo: «Umwete w’inzu yawe uzondurumbamwo+.»
-