-
Daniyeli 3:29Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
29 Ubu rero, ntanze itegeko ry’uko umuntu wo mu bwoko ubwo ari bwo bwose, ihanga iryo ari ryo ryose canke ururimi urwo ari rwo rwose, azovuga nabi Imana ya Shadrake na Meshake na Abedinego azohimbagurwa, kandi inzu yiwe izohindurwa akazu ka surwumwe* k’abantu bose. Kuko ata yindi mana iriho ishobora gukiza nk’Imana yabo+.»
-
-
Daniyeli 6:26, 27Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
26 Ntanze itegeko ry’uko ahantu hose mu bwami bwanje, abantu bakwiye kujugumira imbere y’Imana ya Daniyeli+, kuko ari Imana nzima kandi yamaho. Ubwami bwayo ntibuzokwigera busenyurwa, kandi ubutegetsi* bwayo ni ubw’ibihe vyose+. 27 Irarokora+, igakiza, igakora ibimenyetso n’ibitangaza mw’ijuru no kw’isi+, kuko yarokoye Daniyeli ikamukura mu vyara vy’intambwe.»
-