ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Kuvayo 9:16
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 16 Mugabo iki ni co catumye mba ndakuretse: ni ukugira ndakwereke ububasha bwanje no kugira izina ryanje ryamamare kw’isi yose+.

  • Yesaya 52:10
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 10 Yehova azinze impuzu ngo yereke amahanga yose ukuboko kwiwe kweranda+.

      Abo ku mpera zose z’isi bazobona ingene Imana yacu idukiza*+.

  • Daniyeli 3:29
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 29 Ubu rero, ntanze itegeko ry’uko umuntu wo mu bwoko ubwo ari bwo bwose, ihanga iryo ari ryo ryose canke ururimi urwo ari rwo rwose, azovuga nabi Imana ya Shadrake na Meshake na Abedinego azohimbagurwa, kandi inzu yiwe izohindurwa akazu ka surwumwe* k’abantu bose. Kuko ata yindi mana iriho ishobora gukiza nk’Imana yabo+.»

  • Daniyeli 6:26, 27
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 26 Ntanze itegeko ry’uko ahantu hose mu bwami bwanje, abantu bakwiye kujugumira imbere y’Imana ya Daniyeli+, kuko ari Imana nzima kandi yamaho. Ubwami bwayo ntibuzokwigera busenyurwa, kandi ubutegetsi* bwayo ni ubw’ibihe vyose+. 27 Irarokora+, igakiza, igakora ibimenyetso n’ibitangaza mw’ijuru no kw’isi+, kuko yarokoye Daniyeli ikamukura mu vyara vy’intambwe.»

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika