-
Guharura 11:31-34Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
31 Ubwo nyene umuyaga uvuye kuri Yehova uca urahuhuta, utangura kuzana inkware zivuye ku kiyaga, zigwa hirya no hino y’ikambi+. Zikikuza ikambi gushika ahantu umuntu yogenda urugendo rw’umusi umwe. Kuva hasi kuduga zashika ahareha n’intambwe* zibiri. 32 Abantu baca bamara uwo musi wose begeranya izo nkware ijoro n’umurango be n’umusi ukurikira wose. Nta n’umwe yegeranije iziri munsi ya homeri* cumi. Baguma bazanikira hirya no hino y’ikambi. 33 Ariko izo nyama zikiri mu kanwa kabo, bataranatangura kuzihekenya, Yehova aca arashavurira cane abo bantu, maze Yehova atangura kubasasika, inganda ziratikira bimwe bikomeye+.
34 Aho hantu baca bahita Kiburoti-Hatava*+, kuko bahahamvye abantu bafise ameru+.
-