ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Yobu 38:37
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 37 Ni nde aciye ubwenge ku buryo yoharura ibicu?

      Ni nde yoshobora gucuranura imibindi y’amazi yo kw’ijuru+?

  • Zaburi 147:8
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    •  8 Nimuririmbire umwe apfuka ijuru akoresheje ibicu,

      umwe agwisha imvura kw’isi+,

      agatuma ivyatsi bimera+ ku misozi.

  • Yeremiya 10:13
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 13 Iyo avuze,

      amazi yo kw’ijuru aca aja mu ruhagarara+,

      kandi atuma ibicu* biduga bivuye ku mpera y’isi+.

      Arungika imiravyo ikazanana n’imvura*,

      agasohora umuyaga awukuye mu bigega vyiwe+.

  • Amosi 9:6
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    •  6 “Umwe yubaka ingazi ziwe kw’ijuru,

      akubaka inyubakwa* yiwe hejuru y’isi,

      umwe ahamagara amazi yo mu kiyaga

      kugira ayasuke kw’isi+,

      izina ryiwe ni Yehova+.

  • Matayo 5:45
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 45 kugira mwerekane ko muri abana ba So ari mw’ijuru+, kuko atuma izuba ryakira ababi n’abeza, kandi agaha imvura abagororotsi n’abatari abagororotsi+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika