ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Nehemiya 9:10
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 10 Waciye werekana ibimenyetso, ukora n’ibitangaro kugira uhane Farawo n’abasuku biwe bose n’abantu bose bo mu gihugu ciwe+, kuko wari uzi ko bagize ubwibone+ bagafata nabi abantu bawe. Warihesheje izina ryabaye rurangiranwa gushika n’uyu musi+.

  • Zaburi 78:43-51
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 43 Ntibibutse ibimenyetso yakoreye mu Misiri+

      n’ibitangaro yakoreye mu karere ka Zowani,

      44 ingene yahinduye amaraso imigende y’uruzi Nili+,

      ku buryo badashobora kunywa amazi yo mu nzuzi zabo.

      45 Yabarungitsemwo ibitero vy’ibibugu kugira bibarye+,

      hamwe n’ibikere kugira bibateze ivyago+.

      46 Yatumye ibiterwa vyabo biribwa n’inzige zitema zigatongora,

      atuma ivyo babiriye akuya biribwa n’ibitero vy’inzige+.

      47 Yatikije ibiti vyabo vy’imizabibu

      n’ibiti vyabo vy’imisukomora ikoresheje urubura+.

      48 Yatumye ibitungwa vyabo bimarwa n’urubura+,

      ituma ubusho bwabo bukubitwa n’inkuba*.

      49 Yabarekuriyeko ishavu ryayo rirurumba,

      uburake n’ubushangashirwe bwayo hamwe n’ivyago.

      Irungika ibitero vy’abamarayika ngo babateze ivyago.

      50 Yaraciriye inzira ishavu ryayo,

      ntiyabakingira urupfu,

      ahubwo irabareka ngo bamarwe n’ikiza.

      51 Amaherezo, yaratikije imfura zose zo mu Misiri+,

      abavutse ubwa mbere mu mahema ya Hamu.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika