-
Kuvayo 10:13-15Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
13 Ubwo nyene Musa aca aramvurira inkoni yiwe hejuru ya Misiri. Yehova aca azana umuyaga wo mu buseruko, umara uwo murango wose n’ijoro ryose uhuhutira kuri ico gihugu. Bukeye, uwo muyaga uca uzana inzige. 14 Nuko zishwara igihugu cose ca Misiri, zigwa ahantu hose mu karere k’ico gihugu+. Zari ziteye ubwoba cane+. Nta nzige zingana gutyo zari bwigere zibaho kandi nta n’izosubiriye kubaho. 15 Emwe zirakubita hasi hose harazima, igihugu cose gicika umwijima kubera zo. Ziraheza zirya ivyatsi vyose vyo mu gihugu n’ivyamwa vyose vyo ku biti urubura rwari rwasigaje. Nta babi ritoto ryasigaye ku biti canke ku vyatsi mu gihugu cose ca Misiri.
-