Kuvayo 17:2 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 2 Abantu baca batangura gushwanira Musa+, bamubwira bati: «Duhe amazi yo kunywa!» Musa abishura ati: «Kubera iki munshwanira? Kubera iki muguma mugeza Yehova+?» Zaburi 78:18 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 18 Baragerageje Imana mu mitima yabo+mu gusaba ibifungurwa bipfuza cane. 1 Abakorinto 10:9 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 9 Eka kandi ntitukagerageze Yehova*+ nk’uko bamwe muri bo bamugerageje, bakicwa n’inzoka+. Abaheburayo 3:8, 9 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 8 ntimukomantaze imitima nka ca gihe mwantera ishavu ry’umururazi, nka wa musi mwangeza mu bugaragwa+, 9 aho ba sogokuruza banyu bangerageza bakansomborotsa naho bari barabonye ibikorwa vyanje mu kiringo c’imyaka 40+.
2 Abantu baca batangura gushwanira Musa+, bamubwira bati: «Duhe amazi yo kunywa!» Musa abishura ati: «Kubera iki munshwanira? Kubera iki muguma mugeza Yehova+?»
8 ntimukomantaze imitima nka ca gihe mwantera ishavu ry’umururazi, nka wa musi mwangeza mu bugaragwa+, 9 aho ba sogokuruza banyu bangerageza bakansomborotsa naho bari barabonye ibikorwa vyanje mu kiringo c’imyaka 40+.