32 None hari iyindi Mana iriho atari Yehova+?
Hari ikindi gitandara kiriho atari Imana yacu+?
33 Imana y’ukuri ni yo buhungiro bwanje bukomeye+,
kandi ni yo igorora inzira yanje+.
34 Ituma ibirenge vyanje binyaruka nk’ivy’impongokazi,
ikamfasha guhagarara ahantu hahanamye+.
35 Yigisha ibiganza vyanje kurwana intambara.
Amaboko yanje agonda umuheto w’umujumpu.
36 Umpa inkinzo yawe y’ubukiriro.
Ukwicisha bugufi kwawe gutuma mba uwuhambaye+.
37 Wagura inzira ncamwo,
kugira ngo ibirenge vyanje ntibinyerere+.
38 Nzokurikirana abansi banje ndabazimanganye.
Nzogaruka ari uko ndabahoneje.
39 Nzobahonya ndabasye, ntibasubire kuvyura umutwe+.
Bazogwa munsi y’ibirenge vyanje.
40 Uzompa inkomezi zo kurwana urugamba+,
utume abansi banje bagwa imbere yanje+.
41 Uzotuma abansi banje bampunga+,
kandi nzoherengeteza abanyanka+.
42 Baratabaza ariko ntibaronke uwubakiza,
bagatabaza na Yehova ariko ntagende abishuye+.
43 Nzobahonda banoge nk’umukungugu wo hasi.
Nzobasya ndabahonyange nk’urwondo rwo mw’ibarabara.