ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Gusubira mu vyagezwe 32:31
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 31 Kuko igitandara cabo kitameze nk’Igitandara cacu+,

      mbere ivyo n’abansi bacu barabitahuye+.

  • 1 Samweli 2:2
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    •  2 Nta mweranda ariho ameze nkawe Yehova.

      Nta n’umwe ameze nkawe+,

      kandi nta gitandara kiriho kimeze nk’Imana yacu+.

  • 2 Samweli 22:32-43
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 32 None hari iyindi Mana iriho atari Yehova+?

      Hari ikindi gitandara kiriho atari Imana yacu+?

      33 Imana y’ukuri ni yo buhungiro bwanje bukomeye+,

      kandi ni yo igorora inzira yanje+.

      34 Ituma ibirenge vyanje binyaruka nk’ivy’impongokazi,

      ikamfasha guhagarara ahantu hahanamye+.

      35 Yigisha ibiganza vyanje kurwana intambara.

      Amaboko yanje agonda umuheto w’umujumpu.

      36 Umpa inkinzo yawe y’ubukiriro.

      Ukwicisha bugufi kwawe gutuma mba uwuhambaye+.

      37 Wagura inzira ncamwo,

      kugira ngo ibirenge* vyanje ntibinyerere+.

      38 Nzokurikirana abansi banje ndabazimanganye.

      Nzogaruka ari uko ndabahoneje.

      39 Nzobahonya ndabasye, ntibasubire kuvyura umutwe+.

      Bazogwa munsi y’ibirenge vyanje.

      40 Uzompa inkomezi zo kurwana urugamba+,

      utume abansi banje bagwa imbere yanje+.

      41 Uzotuma abansi banje bampunga*+,

      kandi nzoherengeteza* abanyanka+.

      42 Baratabaza ariko ntibaronke uwubakiza,

      bagatabaza na Yehova ariko ntagende abishuye+.

      43 Nzobahonda banoge nk’umukungugu wo hasi.

      Nzobasya ndabahonyange nk’urwondo rwo mw’ibarabara.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika