12 Dawidi ashira ayo majambo ku mutima. Atangura gutinya cane+ kubera Akishi umwami w’i Gati. 13 Nuko yigira umusazi+ imbere yabo, atangura kwigenza nk’umuntu adakomeye muri bo. Yaza araharagura ku miryango y’irembo, akarekura n’urukonda rukarekera ku bwanwa.