Gusubira mu vyagezwe 20:1 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 20 Nimwaja kurwana n’abansi banyu, mukabona bafise amafarasi, imikogote n’abasirikare benshi kubasumvya, ntimuze mubatinye, kuko Yehova Imana yanyu yabakuye mu Misiri ari kumwe namwe+. Zaburi 46:1 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 46 Imana ni ubuhungiro bwacu n’inkomezi zacu+.Ni umutabazi yoroshe kuronka mu bihe vy’ivyago+. Abaroma 8:31 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 31 None tuvuge iki kuri ivyo? Nimba Imana idushigikiye, ni nde azoturwanya+?
20 Nimwaja kurwana n’abansi banyu, mukabona bafise amafarasi, imikogote n’abasirikare benshi kubasumvya, ntimuze mubatinye, kuko Yehova Imana yanyu yabakuye mu Misiri ari kumwe namwe+.