ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Yesaya 44:28
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 28 Ndi Umwe avuga ku bijanye na Kuro+ ati: “Ni umwungere wanje,

      kandi azoshitsa neza ivyo ngomba vyose+.”

      Ndi Umwe avuga ku bijanye na Yeruzalemu ati: “Hazosubira kwubakwa”,

      no ku bijanye n’urusengero ati: “Umushinge wawe uzoshingwa+.”»

  • Yesaya 45:1
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 45 Ibi ni vyo jewe Yehova mbwiye Kuro+, uwo natoye*,

      uwo mfashe ukuboko kw’ukuryo+

      ngo ntume amahanga amuyobokera+,

      kugira ngo nake ibirwanisho* abami,

      kugira ngo nugurure imbere yiwe ya miryango y’inzugi zibirizibiri,

      kugira amarembo ntazokwugarwe:

  • Yeremiya 51:28, 29
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 28 Nimutore* amahanga yo kumurwanya,

      abami b’Ubumedi+, ba buramatari baho n’abatware baho bose bo hasi

      n’ibihugu vyose baganza.

      29 Isi izotigita yongere ijugumire,

      kuko ivyo Yehova yiyumviriye kugirira Babiloni azobishitsa,

      atume igihugu ca Babiloni kiba akajoreza, ata muntu akibamwo+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika