-
Ezira 1:1, 2Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
1 Mu mwaka wa mbere Kuro+ umwami w’Ubuperesi aganza, Yehova atuma uwo mwami* asohora itangazo mu bwami bwose aganza, kugira ivyo Yehova yavuze biciye kuri Yeremiya+ biranguke. Iryo tangazo yaranaryandikishije+. Ryavuga riti:
2 «Kuro umwami w’Ubuperesi avuze ati: “Yehova Imana yo mw’ijuru yarampaye ubwami bwose bwo mw’isi+, kandi yanshinze igikorwa co kumwubakira inzu i Yeruzalemu+ mu Buyuda.
-
-
Yesaya 40:9Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
Duza ijwi ushiremwo inguvu,
wa mugore uzaniye inkuru nziza Yeruzalemu.
Riduze. Ntutinye.
Tangariza ibisagara vy’Ubuyuda uti: «Ng’iyi Imana yanyu+.»
-