4 Ibigirwamana vyabo ni ifeza n’inzahabu,
kandi vyakozwe n’amaboko y’abantu+.
5 Bifise umunwa ariko ntibivuga+.
Bifise amaso ariko ntibibona.
6 Bifise amatwi ariko ntivyumva.
Bifise amazuru ariko ntibimoterwa.
7 Bifise intoke ariko ntibishobora gukorakora.
Bifise amaguru ariko ntibishobora gutambuka+.
Imihogo yavyo ntisohora ijwi+.
8 Ababikora bazomera nka vyo+,
eka mbere n’abavyizigira bose+.