ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Gusubira mu vyagezwe 31:20
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 20 Ninamara kubashikana mu gihugu narahiye ba sokuruza babo+, igihugu gitemba amata n’ubuki+, hanyuma bakarya bagahaga kandi bakamererwa neza*+, bazokurikira izindi mana, bazikorere nanje bansuzugure barenge kw’isezerano ryanje+.

  • 2 Abami 17:13, 14
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 13 Yehova yagumye aburira Isirayeli n’Ubuyuda biciye ku bahanuzi biwe bose no ku basavyi biwe bose bamenyesha ivyo beretswe+. Yababwira ati: «Nimureke gukora ibintu vy’ububisha+. Nimugamburuke amabwirizwa yanje n’ivyagezwe vyanje, mukurikize amategeko yose nahaye ba sogokuruza, na mwebwe nkayabaha biciye ku basavyi banje b’abahanuzi.» 14 Mugabo ntibumvirije. Bagumye ari intagondwa nka ba sekuruza* batizeye Yehova Imana yabo+.

  • Nehemiya 9:26
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 26 Ariko baragambaraye barakugarariza+, banka gukurikiza amategeko yawe*. Barishe abahanuzi warungika ngo bababurire, babafashe kukugarukako. Barakoze ibintu vyo kukugaya bimwe bikomeye+.

  • Yesaya 1:4
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    •  4 Riragowe ihanga ry’abacumuzi+,

      abantu baremerewe n’amakosa,

      uruvyaro rw’inkozi z’ikibi, abana bononekaye.

      Barahevye Yehova+,

      bakengera wa Mweranda wa Isirayeli,

      bamutera ibitugu.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika