3 Maze ndyamana n’umuhanuzikazi, na we aribungenga araheza yibaruka umuhungu+. Nuko Yehova ambwira ati: «Numwite Maheri-Shalali-Hashi-Bazi, 4 kuko imbere y’uko uwo muhungu amenya kuvuga ngo: “Dawe” na “Mawe”, itunga ry’i Damasiko n’ivyasahuwe i Samariya bizojanwa imbere y’umwami wa Ashuri+.»