ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Matayo 3:11, 12
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 11 Jewe ndababatiza mu mazi kuko mwigaya+. Mugabo uwuriko araza inyuma yanje arakomeye kundusha, kandi simbereye no kumwambura ibirato*+. Uwo azobabatiza mu mpwemu nyeranda+ no mu muriro+. 12 Afise mu minwe igipawa ciwe co kugosora, kandi azokubura neza imbuga* yiwe. Azokwegeraniriza ingano ziwe mu bigega, ariko umuguruka azowuturirira mu muriro+ utazima.»

  • Mariko 1:7, 8
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 7 Yamamaza avuga ati: «Hari umuntu akomeye kundusha ariko araza inyuma yanje, kandi simbereye no kwunama ngo mbohore imigozi y’ibirato* vyiwe+. 8 Jewe ndababatiza mu mazi, ariko we azobabatiza mu mpwemu nyeranda+.»

  • Ivyakozwe 2:1
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 2 Igihe rero umusi mukuru wa Pentekoti+ wariko uraba, bari hamwe bose muri ca kibanza nyene.

  • Ivyakozwe 2:4
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 4 Bose baca buzuzwa impwemu nyeranda+, batangura kuvuga mu zindi ndimi nk’uko nya mpwemu ibibashoboje+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika