-
Mariko 6:17-20Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
17 Herodi yari yarafashe Yohani aramuboha, maze amuta mw’ibohero kubera Herodiya umugore wa mwenewabo Filipo, kuko Herodi yari yamugize umugore wiwe+. 18 Yohani yaguma abwira Herodi ati: «Ntivyemewe ko utwara umugore wa mwenewanyu+.» 19 Herodiya rero yari afitiye inzigo Yohani, akaguma arondera kumwica ariko bikamunanira. 20 Herodi yaratinya Yohani, kuko yari azi ko ari umugororotsi n’umweranda+, mbere yaramukingira. Igihe cose ahejeje kumwumviriza yarazazanirwa, akabura ico ari bukore. Mugabo yarahimbarwa no kuguma amwumviriza.
-