ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Matayo 14:3-5
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 3 Herodi yari yarafashe Yohani aramuboha, maze amuta mw’ibohero kubera Herodiya umugore wa mwenewabo Filipo+. 4 Yohani yaguma amubwira ati: «Ntivyemewe ko umugira umugore wawe+.» 5 Ariko naho yashaka kumwica, yaratinya abantu kuko Yohani bamufata nk’umuhanuzi+.

  • Mariko 6:17-20
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 17 Herodi yari yarafashe Yohani aramuboha, maze amuta mw’ibohero kubera Herodiya umugore wa mwenewabo Filipo, kuko Herodi yari yamugize umugore wiwe+. 18 Yohani yaguma abwira Herodi ati: «Ntivyemewe ko utwara umugore wa mwenewanyu+.» 19 Herodiya rero yari afitiye inzigo Yohani, akaguma arondera kumwica ariko bikamunanira. 20 Herodi yaratinya Yohani, kuko yari azi ko ari umugororotsi n’umweranda+, mbere yaramukingira. Igihe cose ahejeje kumwumviriza yarazazanirwa, akabura ico ari bukore. Mugabo yarahimbarwa no kuguma amwumviriza.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika