-
Yohani 1:32-34Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
32 Yohani yarashinze intahe kandi ati: «Narabonye impwemu imanuka iva mw’ijuru isa n’inuma, hanyuma iguma kuri we+. 33 Na jewe sinari ndamuzi, ariko umwe yandungika kubatiza mu mazi, ni we yambwiye ati: “Uwo uzobona impwemu imanutseko ikamugumako+, ni we abatiza mu mpwemu nyeranda+.” 34 Nanje rero narabibonye, kandi narashinze intahe ko uyu ari Umwana w’Imana+.»
-