2 Maze Yeshuwa+ mwene Yehozadaki n’abaherezi bagenziwe, hamwe na Zerubabeli+ mwene Shalutiyeli+ be na benewabo, bajako bubaka igicaniro c’Imana ya Isirayeli. Bacubatse kugira ngo bagishikanireko ibimazi biturirwa, nk’uko vyanditswe mu mategeko ya Musa+ wa muntu w’Imana y’ukuri.