1 Samweli 16:13 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 13 Samweli aca atora rya hembe ry’amavuta+, arayamurobanuza imbere ya benewabo. Kuva uwo musi, impwemu ya Yehova itangura guha inkomezi Dawidi+. Mu nyuma Samweli arahaguruka asubira i Rama+. 1 Samweli 17:58 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 58 Sawuli amubwira rero ati: «Harya so ni nde ga mwana?» Dawidi na we yishura ati: «Ndi mwene Yese+, umusuku wawe w’i Betelehemu+.» Matayo 1:6 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 6 Yese yavyaye umwami Dawidi+, Dawidi na we avyara Salomo+ kuri muka Uriya.
13 Samweli aca atora rya hembe ry’amavuta+, arayamurobanuza imbere ya benewabo. Kuva uwo musi, impwemu ya Yehova itangura guha inkomezi Dawidi+. Mu nyuma Samweli arahaguruka asubira i Rama+.
58 Sawuli amubwira rero ati: «Harya so ni nde ga mwana?» Dawidi na we yishura ati: «Ndi mwene Yese+, umusuku wawe w’i Betelehemu+.»