21 Hanyuma Yehova ahimbarwa n’akamoto keza k’iryo shikanwa. Maze Yehova yibwira mu mutima wiwe ati: «Sinzokwigera nsubira kuvuma isi+ kubera umuntu, kuko aguma yiyumvira gukora ikibi gusa kuva mu buto bwiwe+. Sinzokwigera nsubira guhonya ikintu cose gifise ubuzima nk’uko nabigize+.