29 Umuntu akosorwa kenshi ariko ntiyumve+
azovunika bukwi na bukwi kandi ntazokira+.
2 Iyo abagororotsi babaye benshi, abantu barahimbarwa.
Ariko iyo umubisha aganje, abantu baraboroga+.
3 Umuntu akunda ubukerebutsi anezereza se+,
ariko uwugendana n’abamaraya asesagura ubutunzi bwiwe+.
4 Umwami akurikiza ubutungane atuma igihugu gitekana+,
ariko umuntu aguma arondera ibiturire aragisambura.
5 Umuntu asiga inkore ku maso mugenziwe
aba ateze urusenga ibirenge vyiwe+.
6 Umuntu mubi agwa mu mutego w’ibicumuro vyiwe+,
ariko umugororotsi aranezerwa kandi akavuza impundu+.
7 Umugororotsi aritaho uburenganzira bw’abakene+,
ariko umubisha ntabwitaho+.
8 Abantu birata batuma igisagara kigumuka+,
ariko abanyabwenge barahwamika ishavu+.
9 Iyo umunyabwenge ariko aburana n’ikijuju,
humvikana induru n’agatwengo, kandi umunyabwenge nta co ashikako+.
10 Abanyotewe gusesa amaraso baranka umuntu w’intungane+,
kandi baguma barondera kwica umugororotsi.
11 Ikijuju kirasuka ishavu ryaco ryose+,
ariko umunyabwenge aguma atekanye, akigumya+.
12 Igihe umutware yumviriza ibinyoma,
abasuku biwe bose baca baba ababisha+.
13 Umukene n’uwuhahaza abandi bahuriye kuri iki kintu:
Yehova ni we atuma bose babona umuco.
14 Igihe umwami acira abakene imanza zigororotse+,
intebe yiwe y’ubwami yama ikomeye+.
15 Inkoni n’ugukosorwa ni vyo bituma umwana aca ubwenge+,
ariko umwana barekerana amaramaza nyina.
16 Iyo ababisha babaye benshi, n’ibicumuro biba vyinshi,
ariko abagororotsi bazobona ingene batemba+.
17 Kosora umwana wawe, na we azokuruhurira
kandi azotuma uhimbarwa cane+.
18 Ahatagira ukuyoborwa n’Imana abantu barirekura+,
ariko abagamburuka amategeko barahiriwe+.
19 Umusuku ntiyemera gukosorwa n’amajambo gusa,
kuko naho aba yayatahuye ntagamburuka+.
20 Woba umaze kubona umuntu ahuruduka mu vyo avuga+?
Ikijuju kiramurusha kazoza keza+.
21 Igihe umusuku afyinishijwe kuva mu buto,
amaherezo acika intashima.
22 Umuntu akaza ishavu avyura amahane+,
kandi umuntu akunda kuraka acumura kenshi+.
23 Ubwishime bw’umuntu buzomucisha bugufi+,
ariko uwicisha bugufi mu mutima azoninahazwa+.
24 Uwushigikira igisuma ntaba yikunda.
Yoshobora kwumva bahamagara uwoza kuba icabona, ariko akinumira+.
25 Gutinya abantu ni ukwitega umutego+,
mugabo uwizigira Yehova azokingirwa+.
26 Abasaba umubonano ku mutegetsi ni benshi,
ariko Yehova ni we atuma umuntu atunganirizwa+.
27 Umugororotsi aranka umuntu arenganya abandi+,
kandi n’umubisha aranka umugororotsi+.