Zaburi
Ku mukuru w’abaririmvyi. Ni zaburi ya Dawidi.
Mwubahuka gute kumbwira ngo:
«Hungira ku musozi wawe nk’inyoni!
2 Raba ingene ababisha bafora umuheto.
Bashira umwampi ku mugozi w’umuheto
kugira barasire abagororotsi mu mwiza.
3 Igihe imishinge y’ubutungane isambutse,
none abagororotsi bokora iki?»
4 Yehova ari mu rusengero rwiwe rweranda+,
intebe y’ubwami ya Yehova iri mw’ijuru+.
Amaso yiwe arabona, amaso yiwe adakubita urugohe* arasuzuma abana b’abantu+.
7 Kuko Yehova agororotse+; akunda ibikorwa vy’ubugororotsi+.