Yobu
27 Yobu abandanya kuvuga ati:
2 «Ndakurahiye Imana nzima, yo yanse kuntunganiriza+.
Ndakurahiye Mushoboravyose, we yatumye ubuzima bumbera umururazi+.
3 Igihe cose nzoba ngihema,
impwemu y’Imana ikiri mu mazuru yanje+,
4 iminwa yanje ntizovuga ibitagororotse,
n’ururimi rwanje ntiruzovuga ibinyoma mu ntamatama!
5 Sinokwubahuka kubita abagororotsi!
Nzorinda mpfa ntarekuye* ugutungana kwanje+!
6 Nzogumana ubugororotsi bwanje, sinzopfa ndaburekuye+.
Umutima wanje ntuzokwigera unyagiriza* igihe cose nzoba nkiriho*.
7 Umwansi wanje arakaba nk’umubisha,
abandwanya na bo babe nk’inkozi z’ikibi.
10 Mbega azohimbarwa na Mushoboravyose?
Yoba azoguma atakambira Imana igihe cose?
11 Reka ndabigishe ivyerekeye ububasha bw’Imana*.
Sinobahisha ikintu na kimwe cerekeye Mushoboravyose.
12 Ko wumva mwese mweretswe,
kuki none muvuga ibintu ata co bimaze?
13 Uyu ni wo mugabane Imana iha umuntu w’umubisha+.
Ni yo ntoranwa Mushoboravyose aha abahahaza abandi.
16 Naho yorundanya ifeza nk’uko barundanya umukungugu,
akegeranya impuzu nzizanziza nk’uko begeranya ibumba,
17 naho yokwegeranya izo mpuzu,
umugororotsi ni we azozambara+,
kandi abantu b’intungane ni bo bazogabura ifeza ziwe.
19 Azoja kuryama ari umutunzi, ariko iryo tunga rizomuhomberako.
Niyikangura azosanga ata na kimwe asigaranye.