Yesaya
50 Yehova avuze ati:
«Urupapuro rwo kwahukana+ nahaye nyoko wanyu igihe namwirukana ruri hehe?
Canke noba narabagurishije ngo ndihe abo mperaniye?
Raba! Amakosa yanyu+ ni yo yatumye mugurishwa,
kandi ibicumuro vyanyu ni vyo vyatumye nyoko wanyu yirukanwa+.
2 Kubera iki none ata n’umwe yari ahari igihe naza?
Kubera iki ata n’umwe yitavye igihe nahamagara+?
Mbega ukuboko kwanje kwoba ari kugufi ku buryo kudashobora gucungura?
Canke nta bubasha mfise bwo kurokora+?
Amafi ariyo arabora kubera ata mazi,
akicwa n’inyota.
Ankangura uko bukeye,
agakangura ugutwi kwanje ngo numvirize nk’abigishwa+.
Kandi sinaravye hirya+.
6 Umugongo wanje nawuhaye abankubita,
amatama yanje ndayaha abanshikura ubwanwa.
Mu maso hanje sinahahishije abantetereza n’abancirako amate+.
7 Mugabo Umukama Segaba Yehova azontabara+.
Ni co gituma ntazoteterwa.
Ni co gituma mu maso hanje nahakomeje nk’ibuye ry’isare+,
kandi ndazi ko ntazomaramara.
8 Uwunyita umugororotsi ari hafi.
Naze duhagararane*.
Ni nde amburanya?
Naze hafi yanje.
9 Raba! Umukama Segaba Yehova azontabara.
Ni nde yovuga ko nagirwa n’icaha?
Raba! Bose bazoshira nk’impuzu.
Agakoko* kazobarya kabamare.
Ni nde yagendeye mu mwiza w’umuzitanya ahatagira umuco namba?
Niyizigire izina rya Yehova, yishimikize Imana yiwe.
11 «Raba! Mwese abadomeka umuriro
mugatuma amasase ataragurika,
nimugendere mu muco w’umuriro wanyu
no hagati mu masase mwakije.
Iki ni co gihano nzobaha:
muzoryama mwishwe n’umubabaro.