ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Yesaya 50
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

Yesaya: ibirimwo

      • Isirayeli yakwegewe n’ibicumuro vyayo (1-3)

      • Umusavyi wa Yehova agamburuka (4-11)

        • Ururimi rw’abigishwa, n’ugutwi kwabo (4)

Yesaya 50:1

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gus 24:1
  • +2Bm 17:16, 17
  • +Yes 59:2; Yr 3:1

Yesaya 50:2

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 35:15
  • +Yes 40:28; 59:1
  • +Kv 14:21, 29; Zb 106:9; Yes 51:10
  • +Zb 107:33; 114:1, 3; Yes 42:15; Nah 1:4

Yesaya 50:3

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kv 10:21

Yesaya 50:4

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «ururimi rwamenyerejwe neza.»

  • *

    Hashobora kandi kuvugwa ngo «nkomeza.»

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «menye ijambo nishura.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kv 4:11; Yr 1:9
  • +Yoh 7:15, 46
  • +Mt 13:54

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Ubwami bw’Imana buraganza!, rup. 182-183

    Umunara w’Inderetsi,

    15/11/2012, rup. 11

    15/1/2009, rup. 22

    ‘Ingo unkurikire’, rup. 133

Yesaya 50:5

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zb 40:6-8
  • +Mt 26:39; Fp 2:8

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    15/11/2012, rup. 11

    15/1/2009, rup. 22

    ‘Ingo unkurikire’, rup. 133

Yesaya 50:6

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Mt 26:67; Mr 14:65; Lk 22:63; Yoh 18:22

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Be maso!,

    8/2012, rup. 19

    Umunara w’Inderetsi,

    15/8/2011, rup. 14

    15/1/2009, rup. 21-22

    1/10/2008, rup. 5

    ‘Ingo unkurikire’, rup. 133, 172

Yesaya 50:7

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 49:8
  • +Ezk 3:8, 9

Yesaya 50:8

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «yonigana nanje.»

  • *

    Canke «duhangane.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Rm 8:33

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    15/1/2009, rup. 22

Yesaya 50:9

Utujambo tw'epfo

  • *

    Ni ubwoko bw’agakoko kaguruka karya impuzu.

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    15/1/2009, rup. 22

Yesaya 50:10

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 42:1; 53:11

Izindi Bibiliya

Fyonda ku murongo kanaka kugira ubone uko uvuga mu zindi Bibiliya.

Muri rusangi

Yes. 50:1Gus 24:1
Yes. 50:12Bm 17:16, 17
Yes. 50:1Yes 59:2; Yr 3:1
Yes. 50:2Yr 35:15
Yes. 50:2Yes 40:28; 59:1
Yes. 50:2Kv 14:21, 29; Zb 106:9; Yes 51:10
Yes. 50:2Zb 107:33; 114:1, 3; Yes 42:15; Nah 1:4
Yes. 50:3Kv 10:21
Yes. 50:4Kv 4:11; Yr 1:9
Yes. 50:4Yoh 7:15, 46
Yes. 50:4Mt 13:54
Yes. 50:5Zb 40:6-8
Yes. 50:5Mt 26:39; Fp 2:8
Yes. 50:6Mt 26:67; Mr 14:65; Lk 22:63; Yoh 18:22
Yes. 50:7Yes 49:8
Yes. 50:7Ezk 3:8, 9
Yes. 50:8Rm 8:33
Yes. 50:10Yes 42:1; 53:11
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
  • Soma muri Bibiliya y’isi nshasha (bi12)
  • 1
  • 2
  • 3
  • 4
  • 5
  • 6
  • 7
  • 8
  • 9
  • 10
  • 11
Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
Yesaya 50:1-11

Yesaya

50 Yehova avuze ati:

«Urupapuro rwo kwahukana+ nahaye nyoko wanyu igihe namwirukana ruri hehe?

Canke noba narabagurishije ngo ndihe abo mperaniye?

Raba! Amakosa yanyu+ ni yo yatumye mugurishwa,

kandi ibicumuro vyanyu ni vyo vyatumye nyoko wanyu yirukanwa+.

 2 Kubera iki none ata n’umwe yari ahari igihe naza?

Kubera iki ata n’umwe yitavye igihe nahamagara+?

Mbega ukuboko kwanje kwoba ari kugufi ku buryo kudashobora gucungura?

Canke nta bubasha mfise bwo kurokora+?

Raba! Ndakankamira ikiyaga kikuma+.

Ntuma inzuzi zihinduka ubugaragwa+.

Amafi ariyo arabora kubera ata mazi,

akicwa n’inyota.

 3 Ijuru ndaryambika umwiza+,

nkaripfuka igunira.»

 4 Umukama Segaba Yehova yampaye ururimi rw’abigishwa*+,

ngo menye ingene nishura* neza*+ uwurushe.

Ankangura uko bukeye,

agakangura ugutwi kwanje ngo numvirize nk’abigishwa+.

 5 Umukama Segaba Yehova yuguruye ugutwi kwanje,

nanje sinagarariza+.

Kandi sinaravye hirya+.

 6 Umugongo wanje nawuhaye abankubita,

amatama yanje ndayaha abanshikura ubwanwa.

Mu maso hanje sinahahishije abantetereza n’abancirako amate+.

 7 Mugabo Umukama Segaba Yehova azontabara+.

Ni co gituma ntazoteterwa.

Ni co gituma mu maso hanje nahakomeje nk’ibuye ry’isare+,

kandi ndazi ko ntazomaramara.

 8 Uwunyita umugororotsi ari hafi.

Ni nde yonyagiriza*+?

Naze duhagararane*.

Ni nde amburanya?

Naze hafi yanje.

 9 Raba! Umukama Segaba Yehova azontabara.

Ni nde yovuga ko nagirwa n’icaha?

Raba! Bose bazoshira nk’impuzu.

Agakoko* kazobarya kabamare.

10 Muri mwebwe ni nde atinya Yehova,

akumviriza ijwi ry’umusavyi wiwe+?

Ni nde yagendeye mu mwiza w’umuzitanya ahatagira umuco namba?

Niyizigire izina rya Yehova, yishimikize Imana yiwe.

11 «Raba! Mwese abadomeka umuriro

mugatuma amasase ataragurika,

nimugendere mu muco w’umuriro wanyu

no hagati mu masase mwakije.

Iki ni co gihano nzobaha:

muzoryama mwishwe n’umubabaro.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika