Zaburi
IGITABU CA MBERE
(Zaburi 1-41)
1 Hahiriwe umuntu atagenda yisunga impanuro z’ababisha,
adahagarara mu nzira y’abacumuzi+
kandi aticarana n’abasuzugura ibigororotse+.
2 Ahubwo ahimbarwa n’itegeko rya Yehova+,
kandi itegeko ryiwe arisoma n’ijwi ritoyi* ijoro n’umurango+.
3 Azoba nk’igiti gitewe hafi y’imigezi y’amazi,
igiti cama igihe caco kigeze
kandi amababi yaco ntiyigere yuma.
Azororanirwa mu vyo akora vyose+.
4 Ababisha bobo ntibameze gutyo.
Bameze nk’umuguruka utwawe n’umuyaga.