Ku mukuru w’abaririmvyi. Ni zaburi ya Dawidi, igihe umuhanuzi Natani yaza iwe inyuma y’aho Dawidi asambaniye na Batisheba+.
51 Ewe Mana, ngirira ubuntu nk’uko urukundo rwawe+ ruri.
Nuhanagure ibicumuro vyanje nk’uko imbabazi zawe nyinshi+ ziri.
2 Nunyoze neza ikosa ryanje+,
umpumanure igicumuro canje+.
3 Kuko nzi neza amakosa yanje,
kandi igicumuro canje cama imbere yanje+.
4 Ni wewe nacumuyeko+ kuruta abandi bose.
Nakoze ibintu bibi imbere y’amaso yawe+.
Ivyo uvuga rero biragororotse,
kandi imanza uca ziragororotse+.
5 Raba! Navukiye mw’ikosa,
kandi nabaye umucumuzi kuva mama akinsama inda+.
6 Uhimbarwa n’umuntu avuga ukuri mu mutima wiwe+.
Nunyigishe ubukerebutsi nyakuri.
7 Numpumanure igicumuro canje kugira mbe uwutyoroye+.
Nunyoze ku buryo nsigara nera derere+.
8 Nutume nsubira kugira umunezero n’akamwemwe,
kugira nezerwe naho wajanjaguye amagufa yanje+.
9 Hindukira ureke kuraba ibicumuro vyanje+,
uhanagure amakosa yanje yose+.
10 Ewe Mana, nundememwo umutima utyoroye+,
unshiremwo impwemu nshasha+, itanyiganyiga.
11 Ntunyirukane ngo mve imbere yawe,
kandi ntunkureko impwemu yawe nyeranda.
12 Nusubire umpe umunezero uva ku bukiriro utanga+,
unshiremwo icipfuzo co kukugamburukira.
13 Nzokwigisha abanyakibi inzira zawe+,
kugira abacumuzi bakugarukeko.
14 Ewe Mana, Mana y’ubukiriro bwanje+, nunkize ukwagirwa n’amaraso+,
kugira ntangaze ubugororotsi bwawe+ nezerewe.
15 Ewe Yehova, niwugurure iminwa yanje,
kugira ntangaze ishemezo ryawe+.
16 Ni uko udashaka ibimazi, ahandiho nari kubitanga+.
Ntuhimbarwa n’amashikanwa aturirwa uko yakabaye+.
17 Ibimazi bihimbara Imana ni umutima umenetse.
Ewe Mana, umutima umenetse kandi ujanjaguritse ntuzowuta+.
18 Nugirire neza Siyoni kubera ubuntu bwawe,
wubake impome za Yeruzalemu.
19 Uzoheza uhimbarwe n’ibimazi vy’abagororotsi,
ibimazi biturirwa n’amashikanwa atangwa yose.
Ibimazi vy’impfizi bizoheza bitangwe ku gicaniro cawe+.