Ni zaburi ya Dawidi.
א [Alefu]
25 Ewe Yehova, ni wewe nitura.
ב [Beti]
2 Mana yanje, ni wewe nizigiye+.
Ntureke ngo maramare+.
Ntureke ngo abansi banje banyirateko+.
ג [Gimelu]
3 Emwe, mu bakwizera nta n’umwe azomaramara+,
mugabo ibihemu bizomaramara+.
ד [Daleti]
4 Ewe Yehova, numenyeshe inzira zawe+,
unyigishe iminyuro yawe+.
ה [He]
5 Nutume ngendera mu kuri kwawe, unyigishe+
kuko uri Imana y’ubukiriro bwanje.
ו [Vau]
Ni wewe nizigira bukarinda bwira.
ז [Zayini]
6 Ewe Yehova, niwibuke imbabazi zawe n’urukundo rwawe+,
ivyo wamye werekana kuva kera na rindi+.
ח [Heti]
7 Ntiwibuke ibicumuro n’amakosa nakoze nkiri muto.
Nunyibuke wisunze urukundo rwawe+,
kubera ubuntu bwawe, ewe Yehova+!
ט [Teti]
8 Yehova ni mwiza kandi aragororotse+.
Ni co gituma yigisha abacumuzi inzira bakwiye kugenderamwo+.
י [Yodi]
9 Azoyobora abitonda kugira bakore ibigororotse+,
kandi azobigisha inzira ziwe+.
כ [Kafu]
10 Ku bubahiriza isezerano rya Yehova+ n’ivyibutswa vyiwe+,
inzira ziwe zose zirangwa n’urukundo n’ubwizigirwa.
ל [Lamedi]
11 Ewe Yehova, ku bw’izina ryawe+,
numparire ikosa ryanje naho ari rinini.
מ [Memu]
12 Ni nde muntu atinya Yehova+?
Azomwigisha inzira akwiye gucamwo+.
נ [Nuni]
13 Azokwironkera ivyiza+,
kandi abazomukomokako bazokwigarurira isi+.
ס [Sameki]
14 Abatinya Yehova ni bo bamubera abagenzi somambike+,
kandi arabamenyesha isezerano ryiwe+.
ע [Ayini]
15 Nama mpanze amaso Yehova+,
kuko ari we akura ibirenge vyanje mu mutego+.
פ [Pe]
16 Hindukira undabe, ungirire ubuntu,
kuko ndi inyakamwe kandi nkaba ntagira gitabara.
צ [Tsade]
17 Amaganya yabaye menshi mu mutima wanje+.
Nunkize ibintera amaganya!
ר [Reshi]
18 Raba amagorwa n’ingorane ndimwo+,
uheze umbabarire ibicumuro vyanje vyose+.
19 Raba ingene abansi banje ari benshi,
n’ingene banyanka urunuka.
ש [Shini]
20 Rinda ubuzima bwanje, undokore+.
Ntumaramaze kuko nahungiye kuri wewe.
ת [Tau]
21 Ese ugutungana n’ukugororoka vyonzigama+,
kuko ari wewe nizigiye+.
22 Ewe Mana, nukize Isirayeli amaganya yiwe yose.