Abacamanza
16 Igihe kimwe Samusoni aja i Gaza, abonayo umumaraya, araheza yinjira iwe. 2 Abantu b’i Gaza bumva ko Samusoni yaje muri ico gisagara. Baramukikuza, bamara ijoro ryose bamubundiye mw’irembo ry’igisagara, badakoma. Bibwira bati: «Bukimara guca, duca tumwica.»
3 Ariko Samusoni aguma aryamye gushika mu gicugu. Maze aravyuka afata imiryango y’irembo ry’igisagara n’ibikingi vyaryo bibiri, abirandurana n’icugazo. Abishira ku bitugu, aca abidugana kw’isonga ry’umusozi urabana n’i Heburoni.
4 Mu nyuma akunda umukobwa yitwa Delila+ yaba mu kiyaya* ca Soreki. 5 Maze abatware b’Abafilisitiya baza iwe, bamubwira bati: «Muhende*+ kugira umenye aho akura izo nkomezi nyinshi afise, n’ingene twomurusha inguvu, tukamuboha tukamunesha. Niwabigira, umwe wese muri twebwe azoguha ifeza 1.100.»
6 Mu nyuma Delila abwira Samusoni ati: «Ndagusavye umbwire: izo nkomezi nyinshi ufise uzikura hehe? Mbega umuntu yokubohesha iki kugira akuneshe?» 7 Samusoni amwishura ati: «Hamwe bombohesha imirya* indwi mishasha itaruma, inkomezi zanje zoca zigabanuka, nkamera nk’abandi bose.» 8 Ba batware b’Abafilisitiya bamuzanira rero imirya indwi mishasha itaruma, aca arayimubohesha. 9 Hari abari binyegeje mu cumba. Maze Delila amubwira ati: «Samusoni, ngwaho Abafilisitiya!» Aca acagagura nya mirya, nk’aho umengo ni inyuzi* zibabuwe n’umuriro+. Ntibamenya aho akura inkomezi.
10 Maze Delila abwira Samusoni ati: «Warampenze* umbwira ibinyoma. Ndagusavye umbwire ico bokubohesha.» 11 Amwishura ati: «Hamwe bombohesha imigozi mishasha itarakoreshwa na rimwe, inkomezi zanje zoca zigabanuka nkamera nk’abandi bose.» 12 Delila afata rero imigozi mishasha arayimubohesha maze amubwira ati: «Samusoni, ngwaho Abafilisitiya!» (Muri uwo mwanya hari abari binyegeje mu cumba.) Aca acagagura imigozi bari bamubohesheje amaboko nk’uwucagagura inyuzi+.
13 Inyuma y’ivyo, Delila abwira Samusoni ati: «Gushika ubu uguma umpenda umbwira ibinyoma+. Mbwira ico bokubohesha.» Samusoni aca amubwira ati: «Ufashe ibi bitsibo indwi vy’umushatsi wanje ukabijisha ukoresheje inyuzi zo kujisha impuzu*, vyokunda.» 14 Arabijisha rero, aca abifatisha urumambo bakoresha mu kujisha, hanyuma amubwira ati: «Samusoni, ngwaho Abafilisitiya!» Aca arikangura maze ashingura rwa rumambo, na za nyuzi birajana.
15 Nuko Delila amubwira ati: «Ushobora gute kuvuga ko unkunda+ kandi utarampa umutima wawe? Warampenze izi ncuro zitatu zose, ntiwambwira aho inkomezi zawe nyinshi ziva+.» 16 Samusoni arateba araremerwa ku mutima bimwe vyo gupfa, kubera ko imisi yose Delila yaguma amugobera, akamubuza amahoro+. 17 Amaherezo aramwugurukira, amubwira ati: «Sindigera mobwa kubera ko ndi Umunaziri w’Imana kuva nkivuka*+. Hamwe nomobwa, inkomezi zanje zoca zimvako, nkagira inguvu nk’iz’abandi bose.»
18 Delila abonye ko yamwugurukiye, ubwo nyene aca atumako ba batware b’Abafilisitiya+ ati: «Nimuze kuko ubu hoho yanyugurukiye.» Nya batware baca baraza, bamuzaniye na ya mahera. 19 Nuko amusinziririza ku bibero vyiwe, maze ahamagara umugabo umwe kugira amumwe vya bitsibo indwi vy’umushatsi. Delila asigara amubasha kuko inkomezi ziwe zariko zimuvako. 20 Avuga rero ati: «Samusoni, ngwaho Abafilisitiya!» Samusoni aca arikangura, avuga ati: «Ndagira nk’uko nsanzwe ngira+, nigobotore.» Mugabo ntiyari azi ko Yehova atari akiri kumwe na we. 21 Nuko Abafilisitiya baramufata, bamunogora amaso. Baraheza bamumanukana i Gaza, bamubohesha amapingu abiri y’umujumpu. Bamugira uwusya intete mw’ibohero. 22 Ariko umushatsi wiwe usubira gukura inyuma y’aho bamumwereye+.
23 Ba batware b’Abafilisitiya bakoranira hamwe kugira bashikanire ikimazi gikomeye imana yabo Dagoni+ no kugira ngo bagire umusi mukuru, kuko bavuga bati: «Imana yacu yaradufashije gutsinda umwansi wacu Samusoni!» 24 Abantu bamubonye, bashemeza imana yabo bati: «Imana yacu yaradufashije gutsinda umwansi wacu yatikije igihugu cacu+, akatumarira n’abacu+.»
25 Kubera ko bari baryohewe, bavuga bati: «Nimuhamagare Samusoni abe aratunezereza.» Bamukura rero mw’ibohero kugira ngo abe arabanezereza, bamuhagarika hagati y’inkingi. 26 Maze Samusoni abwira umuhungu yari amufashe ukuboko ati: «Ndeka nkore ku nkingi zifashe iyi nyubakwa ndazishimikize.» 27 (Iyo nyubakwa yari yuzuye abagabo n’abagore. Abatware b’Abafilisitiya bose ni ho bari. Ku gisenge hari abagabo n’abagore nka 3.000 bariko barorera Samusoni banezerewe.)
28 Nuko Samusoni+ atakambira Yehova ati: «Mukama Segaba Yehova, ndakwinginze unyibuke, umpe inkomezi+ iri rimwe gusa, ewe Mana. Mfasha nihore Abafilisitiya, mpore n’imiburiburi ijisho ryanje rimwe+.»
29 Maze Samusoni yifadikiza za nkingi zibiri zo hagati zari zifashe ya nyubakwa. Imwe ayifatisha ukuryo, iyindi ukubamfu. 30 Samusoni asemerera ati: «Reka mpfane n’Abafilisitiya!» Aca asunika izo nkingi n’inguvu ziwe zose, ya nyubakwa igwa kuri ba batware no ku bantu bose bari muri yo+. Kuri uwo musi Samusoni apfa, yica benshi kuruta abo yishe akiriho+.
31 Mu nyuma benewabo be n’abo mu muryango wa se bose bamanuka kumutora. Baja kumuhamba aho se Manowa+ yahambwe, hagati y’i Zora+ n’i Eshitayoli. Samusoni yari amaze imyaka 20 ari umucamanza muri Isirayeli+.