Petero wa mbere
5 Hari impanuro nipfuza rero guha* abakurambere bo muri mwebwe. Ndayibaha nk’umukurambere mugenzi wabo, nk’icabona c’imibabaro ya Kristu, be n’uwuzosangira na bo ubuninahazwa bugiye guhishurwa+. Iyo mpanuro ni iyi: 2 nimuragire ubusho bw’Imana+ mujejwe, mubuhagarikire* mutagoberewe ahubwo mubikunze imbere y’Imana+. Ntimubikore mubitumwe n’ugukunda inyungu mbi+, ahubwo mubikore mubishashaye. 3 Ntimukandamize abagize intoranwa y’Imana+, ahubwo mubere akarorero ubusho+. 4 Kandi wa mwungere mukuru+ niyerekanwa, muzoronka rwa rugori rw’ubuninahazwa rudakabirana+.
5 Namwe bakiri bato*, nimuyobokere abatama*+. Mugabo mwese mwambare* ukwicisha bugufi* mu kuntu mufata abandi, kuko Imana irwanya abibona, mugabo ikagirira ubuntu buhebuje* abicisha bugufi+.
6 Mwicishe bugufi rero munsi y’ukuboko kw’Imana gukomeye, kugira ibashire hejuru igihe kigeze+, 7 kandi mugume muterera amaganya yanyu* yose kuri yo+, kuko ibababara+. 8 Muzigame ubwenge bwanyu, mube maso+. Umwansi wanyu Shetani* agendagenda nk’intambwe iroha, arondera uwo arotsa*+. 9 Mugabo mumurwanye+ mushikamye mu kwizera, muzi yuko imibabaro imeze nk’iyo iriko irashikira umuryango wose w’abavukanyi banyu mw’isi+. 10 Mugabo nimwamara kubabazwa akanya gato, ya Mana yo soko ry’ubuntu buhebuje bwose, imwe yabahamagarira ubuninahazwa bwayo+ bw’ibihe bidahera mu bumwe na Kristu, yo ubwayo izorangiza ukumenyerezwa kwanyu. Izotuma mushikama+, ibakomeze+, itume mushinga imizi. 11 Ubushobozi bube ubwayo ibihe vyose. Amen.
12 Ndabandikiye biciye kuri Silivano*+, umuvukanyi mbona ko ari umwizigirwa. Ndabandikiye muri make kugira ndabaremeshe, nshinge n’intahe nshimitse yuko ubwo buntu buhebuje Imana ibagirira ari ubw’ukuri. Nimubugumemwo. 13 Wa mugore* ari i Babiloni yatowe nkamwe, arabaramutsa. N’umuhungu wanje Mariko+ arabaramutsa. 14 Muramukanye mu kugumbirana n’igishika*.
Mwese mwunze ubumwe na Kristu mugire amahoro.