17 Ahari amahoro, ikimanyu c’umukate wumye+
kiruta inzu yuzuye ibifungurwa vyizavyiza ariko irimwo amahane+.
2 Umusuku aciye ubwenge azoganza umwana akora ibintu biteye isoni,
kandi azotorana mu bana ba shebuja.
3 Inkono yo mu ruganda ityorora ifeza, ifuru na yo igatyorora inzahabu+,
ariko Yehova ni we asuzuma imitima+.
4 Umuntu w’umubisha yumviriza amajambo ababaza,
umubeshi na we agatega ugutwi amajambo mabi+.
5 Uwutwenga umukene aba atutse Uwamuremye+,
kandi uwunezerwa n’ivyago vy’abandi ntazogenda adahanywe+.
6 Urugori rw’abatama ni abuzukuru babo,
kandi iteka ry’abana ni abavyeyi babo.
7 Nimba amajambo agororotse atabereye ku kijuju+,
hari akantu imvugo y’ububeshi ku muntu w’umutegetsi+!
8 Ingabire ni nk’ibuye ry’agaciro kuri nyeneyo+.
Ituma aroranirwa aho agiye hose+.
9 Uwubabarira ikosa aba arondera urukundo+,
ariko uwuguma arivugavuga atandukanya abagenzi somambike+.
10 Impanuro irashika ku mutima umuntu w’ubwenge+
kuruta gukubita ikijuju inkoni ijana+.
11 Umuntu mubi aguma arondera kugarariza,
ariko intumwa itagira ikigongwe izorungikwa kumuhana+.
12 Wopfuma uhura n’idubu yatswe abana bayo,
hako uhura n’ikijuju mu bupfu bwaco+.
13 Uwishura ikibi uwamukoreye iciza,
ikibi ntikizova ku nzu iwe+.
14 Gutera intambara ni nko kwugurura urugomero rw’amazi.
Imbere y’uko haduka amahane, kura meza+.
15 Uweza umubisha hamwe n’uwutsindisha umugororotsi+,
bose barashisha Yehova.
16 Bimaze iki kuba ikijuju gifise uburyo bwo kwironsa ubukerebutsi
kandi kitipfuza kuburonka+?
17 Umugenzi nyakuri akundana igihe cose+,
kandi ni uwo muvukana yavukiye kuhaseruka mu gihe c’ivyago+.
18 Umuntu atagira ubwenge ahana ukuboko n’uwundi,
akemera kwishinga ingurane y’abandi imbere ya mugenziwe+.
19 Uwukunda amahane aba akunda gucumura+.
Uwongereza uburebure bw’umuryango wiwe aba yishize mu kaga+.
20 Uwufise umutima ugoramye ntazororanirwa+,
kandi uwuvuga ibinyoma azoshikirwa n’ivyago.
21 Uwuvyaye umwana w’ikijuju azogira intuntu,
kandi se w’umwana atagira ubwenge nta munezero agira+.
22 Umutima unezerewe ni umuti mwiza+,
ariko umutima utuntuye utuma umuntu atakaza utuguvu+.
23 Umuntu w’umubisha yakira igiturire mu mpisho
kugira agoreke ubutungane+.
24 Umunyabwenge agumiza amaso ku bukerebutsi,
ariko ikijuju kirayangaza gushika ku mpera y’isi+.
25 Umwana w’ikijuju atera intuntu se
kandi agatera umubabaro nyina yamwibarutse+.
26 Guhana umugororotsi si vyiza,
kandi ntibibereye gukubita abanyacubahiro.
27 Umuntu afise ubumenyi aracungera ivyo avuga+,
kandi umuntu afise ugutahura aguma atekanye+.
28 Mbere n’umuntu w’ikijuju, iyo agumye yinumiye abonwa nk’inkerebutsi,
kandi iyo umuntu adakuyeko umunwa, bamwita umunyabwenge.