Zaburi
Ni zaburi ya Dawidi.
26 Ewe Yehova, ncira urubanza kuko nagendeye mu gutungana kwanje+.
Ewe Yehova, narakwizigiye ntakekeranya+.
6 Nzokaraba ibiganza vyanje mu kwerekana ko ndi intungane,
kandi nzozunguruka igicaniro cawe, ewe Yehova,
7 kugira ndagushimire n’ijwi ryumvikana+
no kugira menyekanishe ibikorwa bitangaje vyose wakoze.
canke ngo unyicane n’abantu b’inkozi z’ikibi*,
10 barya bakora ibintu biteye isoni
kandi amaboko* yabo akaba yuzuyemwo ibiturire.
11 Ariko jewe nzogendera mu gutungana kwanje.
Nundokore* kandi ungirire ubuntu.