ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Itanguriro 34
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

Itanguriro: ibirimwo

      • Dina afatwa ku nguvu (1-12)

      • Amayeri y’abahungu ba Yakobo (13-31)

Itanguriro 34:1

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «kuraba.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 30:19, 21; 46:15
  • +It 26:34, 35; 27:46

Itanguriro 34:2

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gus 7:1; 1Ng 1:13-15

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Nugume mu rukundo rw’Imana, rup. 123-124

    “Urukundo rw’Imana,” rup. 102-103

Itanguriro 34:4

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 33:18, 19

Itanguriro 34:7

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Sm 13:22
  • +Heb 13:4

Itanguriro 34:9

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «dushingiranire.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 24:2, 3

Itanguriro 34:12

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 24:53; Hs 3:2

Itanguriro 34:14

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 17:9, 12

Itanguriro 34:15

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 17:10

Itanguriro 34:18

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 33:18, 19
  • +It 34:2

Itanguriro 34:19

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 34:15

Itanguriro 34:20

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zk 8:16

Itanguriro 34:21

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 34:8, 9

Itanguriro 34:22

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 17:11

Itanguriro 34:25

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 46:15
  • +It 49:5-7

Itanguriro 34:27

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 34:2

Itanguriro 34:30

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «mwankwegeye ugukumirwa.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 49:5

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    15/1/2004, rup. 28

Izindi Bibiliya

Fyonda ku murongo kanaka kugira ubone uko uvuga mu zindi Bibiliya.

Muri rusangi

Ita. 34:1It 30:19, 21; 46:15
Ita. 34:1It 26:34, 35; 27:46
Ita. 34:2Gus 7:1; 1Ng 1:13-15
Ita. 34:4It 33:18, 19
Ita. 34:72Sm 13:22
Ita. 34:7Heb 13:4
Ita. 34:9It 24:2, 3
Ita. 34:12It 24:53; Hs 3:2
Ita. 34:14It 17:9, 12
Ita. 34:15It 17:10
Ita. 34:18It 33:18, 19
Ita. 34:18It 34:2
Ita. 34:19It 34:15
Ita. 34:20Zk 8:16
Ita. 34:21It 34:8, 9
Ita. 34:22It 17:11
Ita. 34:25It 46:15
Ita. 34:25It 49:5-7
Ita. 34:27It 34:2
Ita. 34:30It 49:5
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
  • Soma muri Bibiliya y’isi nshasha (bi12)
  • 1
  • 2
  • 3
  • 4
  • 5
  • 6
  • 7
  • 8
  • 9
  • 10
  • 11
  • 12
  • 13
  • 14
  • 15
  • 16
  • 17
  • 18
  • 19
  • 20
  • 21
  • 22
  • 23
  • 24
  • 25
  • 26
  • 27
  • 28
  • 29
  • 30
  • 31
Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
Itanguriro 34:1-31

Itanguriro

34 Dina, umukobwa Yakobo yavyaye kuri Leya+, yari afise akamenyero ko kuja guteramana* n’abakobwa bo muri ico gihugu+. 2 Shekemu umuhungu wa Hamori Umuhiwi+, umutware wo muri ico gihugu amubonye, aca aramufata, amusambanya ku nguvu. 3 Shekemu aca yiyumvamwo cane Dina umukobwa wa Yakobo, aramukunda kandi aguma amuryosharyosha. 4 Maze Shekemu abwira Hamori+ se wiwe ati: «Nsabira uyu mukobwa tubane.»

5 Igihe Yakobo yumva ko Shekemu yononye umukobwa wiwe Dina, abahungu biwe bari baragiye ibitungwa mu gahinga. Aca aguma yinumiye gushika bagarutse. 6 Mu nyuma, Hamori se wa Shekemu aja kuvugana na Yakobo. 7 Ariko abahungu ba Yakobo bumvise ivyari vyabaye, ubwo nyene baca bava mu gahinga barataha. Bari bababaye kandi bashavuye cane, kuko Shekemu yari yakoreye Isirayeli ibintu vy’akamaramaza mu kuryamana n’umukobwa wa Yakobo+, kikaba cari ikintu kidakorwa+.

8 Hamori ababwira ati: «Umuhungu wanje Shekemu arakunda cane umukobwa wanyu. Ndabasavye mumumuhe babane, 9 tugiriranire ubucuti bwo guhana abageni*. Muduhe abakobwa banyu, natwe tubahe abakobwa bacu+. 10 Muzoheza mubane natwe kandi igihugu cose kizoba kiri mu maboko yanyu, mukibemwo, mukidandarizemwo, mutunge mutunganirwe.» 11 Shekemu abwira se wa Dina na basazawe ati: «Nimunyemerere, nanje nzobaha ico muzonsaba cose. 12 Mushake munsabe inkwano nini cane n’udushimwe twinshi+. Nditeguriye kubaha ico munsaba cose, mupfe gusa kumpa uwo mukobwa tubane.»

13 Abahungu ba Yakobo bishura Shekemu na Hamori se wiwe, ariko barabahenda kuko Shekemu yari yononye Dina mushiki wabo. 14 Bababwira bati: «Ntitwokwubahuka gukora ico kintu, ngo duhe mushikiwacu umugabo atagenyerewe+. Koba ari akamaramaza kuri twebwe. 15 Twovyemera ari uko mubanje gukora iki kintu: nimumere nkatwe, abagabo bose bo muri mwebwe bagenyerwe+. 16 Aho ni ho tuzobaha abakobwa bacu, namwe muduhe abakobwa banyu. Tuzoheza tubane namwe, tube umuryango umwe. 17 Ariko nimutatwumvira ngo mugenyerwe, tuzoca dutora umukobwa wacu twigire.»

18 Hamori+ n’umuhungu wiwe Shekemu+ baca baremera ivyo bavuze. 19 Nuko uwo musore ntiyateba gushitsa ivyo bamusavye+, kuko yakunda cane umukobwa wa Yakobo. Shekemu ni we yubahwa kuruta abandi bose mu rugo kwa se.

20 Hamori n’umuhungu wiwe Shekemu baca baja kw’irembo ry’igisagara cabo+, babwira abagabo bo muri co bati: 21 «Aba bantu bashaka ko twibanira amahoro. Nimuze tubareke bibere mu gihugu kandi bakidandarizemwo, kuko cagutse bihagije ku buryo batobura aho baba. Tuzoheza dutware abakobwa babo, na bo batware abakobwa bacu+. 22 Nitwemera iki kintu kimwe gusa, ni ho bazokwemera kubana natwe, tukaba umuryango umwe: abagabo bose bo muri twebwe nibagenyerwe nk’uko na bo bagenyerewe+. 23 Ivyo bafise vyose, ubutunzi bwabo bwose n’ibitungwa vyabo vyose bizoca biba rwacu. Nimuze rero tubemerere kugira babane natwe.» 24 Abasohoka bose baciye mw’irembo ry’igisagara bumviriza Hamori n’umuhungu wiwe Shekemu, maze abagabo bose basohoka baciye mw’irembo ry’igisagara baragenyerwa.

25 Ku musi ugira gatatu, abagabo bo muri ico gisagara bari bacumva ububabare. Nuko abahungu babiri ba Yakobo ari bo Simeyoni na Lewi, basaza ba Dina+, umwe wese atora inkota yiwe, binjira mu gisagara ata wubicura maze bica abagabo bose+. 26 Bicisha inkota Hamori n’umuhungu wiwe Shekemu, baca batora Dina mu nzu kwa Shekemu barigira. 27 Hanyuma abandi bahungu ba Yakobo baraza, basanga abagabo bo muri ico gisagara bapfuye. Baca basahura ibintu vyaho kuko bari bononye mushiki wabo+. 28 Batwara intama zabo, impene zabo, inka zabo, indogobwa zabo, ivyari mu gisagara n’ivyari mu gahinga vyose. 29 Batwara kandi ivyo bari batunze vyose, bagira imbohe abana babo n’abagore babo, basahura n’ivyari mu mazu vyose.

30 Yakobo aca abwira Simeyoni na Lewi+ ati: «Mwankwegeye ingorane zikomeye*, kuko mutumye Abanyakanani n’Abaperizi bo muri iki gihugu banyanka urunuka. Ko turi bakeyi, bazoja hamwe badutere maze batuzimanganye, jewe n’urugo rwanje.» 31 Ariko bamwishura bati: «Mbega mushikiwacu yari akwiye gufatwa nk’umumaraya?»

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika