Matayo
28 Ku musi wa mbere w’indwi, inyuma y’isabato, Mariya Magadalena n’umwe Mariya wundi baza kuraba imva mu bucagucagu+.
2 Hari habaye nyamugigima ikomeye, kuko umumarayika wa Yehova* yari yamanutse avuye mw’ijuru, atembagaza ca kibuye maze acicarako+. 3 Yarakaka nk’umuravyo, impuzu ziwe na zo zikera nk’urubura*+. 4 Emwe abarinzi baramutinye cane, barajugumira ku buryo bamera nk’abapfuye.
5 Ariko uwo mumarayika abwira abo bagore ati: «Ntimutinye. Ndazi ko muriko murondera Yezu, umwe yamanikwa ku giti+. 6 Nta wuri ng’aha, kuko yazuwe nk’uko nyene yari yarabivuze+. Ingo murabe aho yari aryamye. 7 Nyaragasa rero mubwire abigishwa biwe ko yazuwe mu bapfuye, kandi ko yabaye aragenda i Galilaya+. Ni ho muzomubonera. Ivyo ni vyo nashaka kubabwira+.»
8 Ubwo nyene bava kuri iyo mva* bafise ubwoba, ariko bafise n’umunezero mwinshi, biruka kubibwira abigishwa biwe+. 9 Maze Yezu ahura na bo, ababwira ati: «Amahoro!» Baca baramwegera, baramwunamira*, bamufata ku birenge baragumya. 10 Yezu aca ababwira ati: «Ntimugire ubwoba! Genda mubibwire benewacu, kugira baje i Galilaya. Ni ho bazombonera.»
11 Abo bagore bakiri mu nzira, bamwe mu barinzi+ baca baja mu gisagara, babwira abaherezi bakuru ivyari vyabaye vyose. 12 Abo baherezi bamaze kubonana n’abashingantahe kandi bakaja inama, baca baha abo basoda amahera menshi*. 13 Maze bababwira bati: «Muze kuvuga ko abigishwa biwe baje mw’ijoro musinziriye maze baramwiba+. 14 Buramatari niyavyumva, tuzomusigurira uko vyagenze* kandi nta co muzoba.» 15 Baca batora ayo mahera, bagira nk’uko bababwiye. Iyo nkuru iraheza ikwiragira mu Bayuda bose gushika n’ubu.
16 Ba bigishwa 11 baca baja i Galilaya+, ku musozi Yezu yari yababwiye ko bahurirako+. 17 Bamubonye, baca baramwunamira* ariko bamwe barakekeranya. 18 Yezu arabegera, ababwira ati: «Ububasha bwose narabuhawe mw’ijuru no kw’isi+. 19 Nimugende rero muhindure abantu bo mu mahanga yose abigishwa+, mubabatize+ mw’izina rya Data n’iry’Umwana n’iry’impwemu nyeranda. 20 Mubigishe kwubahiriza ibintu vyose nabategetse+. Ehe ndi kumwe namwe imisi yose gushika kw’iherezo* ry’ivy’iyi si*+.»