Yosuwa
9 Abami bose bo mu burengero bwa Yorodani+ bumva ivyabaye. Bari abami bo mu karere k’imisozi n’aka Shefela, abo ku nkengera yose ya ca kiyaga Kinini*+ n’aharabana na Libani, ni ukuvuga abami b’Abaheti, Abamori, Abanyakanani, Abaperizi, Abahiwi n’Abayebusi+. 2 Baca bagira urunani kugira barwanye Yosuwa n’Abisirayeli+.
3 Abanyagibeyoni+ na bo nyene bumva ko Yosuwa yari yatsinze Yeriko+ na Ayi+. 4 Nuko bagira amayeri: bashira ku ndogobwa zabo impamba batekeye mu mipfuko ishaje, batwara n’umuvinyu mu mikuza y’inshato ishaje, yatobotse bakayisanasana. 5 Bambara ibirato* bishaje biteyeko ibiremo, bambara n’impuzu zaheze. Imikate yose batekeye yari yumye kandi yari yaravungaguritse. 6 Baraheza baja kuraba Yosuwa kw’ikambi i Gilugali+, babwira Yosuwa n’abagabo bo muri Isirayeli bati: «Tuvuye mu gihugu ca kure. Turabasavye mugirane natwe isezerano ry’amahoro.» 7 Ariko abagabo bo muri Isirayeli babwira abo Bahiwi+ bati: «Wosanga muba hafi yacu na ho? Wumva twogirana gute isezerano ry’amahoro+?» 8 Bishura Yosuwa bati: «Turi abasavyi* bawe.»
Maze Yosuwa ababwira ati: «Mbe muri bande? Muva he?» 9 Baca bamubwira bati: «Twebwe abasavyi bawe tuje tuva mu gihugu ca kure cane+ kubera twubaha izina rya Yehova Imana yawe. Twarumvise ingene ari rurangiranwa n’ivyo yakoze mu Misiri vyose+. 10 Twarumvise n’ibintu vyose yakoreye ba bami babiri b’Abamori baba hakurya ya Yorodani*, ari bo Sihoni+ umwami wa Heshiboni na Ogi+ umwami wa Bashani yaba i Ashitaroti. 11 Ni co gituma abashingantahe b’iwacu n’abanyagihugu bose batubwiye bati: “Nimutore impamba muzokwikorako, muje kubonana na bo, mubabwire muti: ‘Tuzoba abasavyi banyu+. Turabasavye rero mugirane natwe isezerano ry’amahoro+.’” 12 Igihe twava iwacu tuje kubaraba, iyi mikate twayitekeye igishushe. None raba yarumye kandi yaravungaguritse+. 13 Iyi mikuza y’inshato na yo twayujuje umuvinyu ikiri mishasha, none raba yaraturitse+. Impuzu zacu n’ibirato vyacu vyaraduhereyeko kubera urugendo rurerure cane.»
14 Abagabo bo muri Isirayeli baca batora bikeyi kuri iyo mpamba barabisuzuma, ariko ntibahanuza Yehova+. 15 Maze Yosuwa agirana na bo isezerano ry’amahoro+, abemerera ko atazobica. Abakuru b’ishengero rya Isirayeli na bo nyene barabarahira ko bazokwubahiriza iryo sezerano+.
16 Haciye imisi itatu bagiranye isezerano na bo, bamenya yuko baba hafi yabo mu micungararo. 17 Maze Abisirayeli bafata inzira, bashika ahari ibisagara vyabo ku musi ugira gatatu. Ivyo bisagara vyari Gibeyoni+, Kefira, Beroti na Kiriyati-Yeyarimu+. 18 Mugabo ntibabatera kuko abakuru b’ishengero rya Isirayeli bari babarahiye Yehova+ Imana ya Isirayeli. Ishengero ryose rica ritangura kwidodombera abo bakuru. 19 Abakuru baca babwira ishengero ryose bati: «Ko twabarahiye Yehova Imana ya Isirayeli, nta burenganzira dufise bwo kubagirira nabi. 20 Tuzobigenza gutya: tuzobareka babeho kugira ngo Imana ntidushavurire kubera indahiro twabarahiye+.» 21 Abo bakuru bongerako bati: «Nimubareke bibereho mugabo bazohora basenyera inkwi ishengero ryose barivomere n’amazi.» Ivyo ni vyo babasezeraniye.
22 Yosuwa aca arabahamagara, ababwira ati: «Kubera iki mwaduhenze mukavuga ngo muva kure cane kandi muba aha hafi yacu+? 23 Kuva ubu muravumwe+, kandi muzokwama muri abashumba basenya bakongera bakavoma ku bw’inzu y’Imana yanje.» 24 Bishura Yosuwa bati: «Ni uko twebwe abasavyi bawe batwiganiye neza yuko Yehova Imana yawe yategetse umusavyi wiwe Musa kubaha igihugu cose, no kuzimanganya abakibamwo bose bakava imbere yanyu+. Twaciye dutinya ko mwotwica+. Ni co catumye tugira gutyo+. 25 Ubu rero turi mu maboko yawe. Nutugire uko ugomba.» 26 Nuko Yosuwa abakorera ivyo bamusavye, abakiza Abisirayeli, ntibabica. 27 Ariko kuva uwo musi, Yosuwa abagira abashumba basenya bakongera bakavoma ku bw’ishengero ryose+ n’igicaniro ca Yehova, aho azoba yashimye ko kija hose+. Ni vyo bakora gushika n’uyu musi+.