Yobu
37 Ndavyiyumviriye umutima wanje urasimba,
ukadidagizwa ukava mu kibanza cawo.
2 Nimwumvirize neza ukwasirana kw’ijwi ryayo,
n’umuturagaro uva mu kanwa kayo.
4 Inyuma y’aho ijwi rica risamirana.
Iraturagara n’ijwi rikomeye+,
kandi uwo muravyo ntuhagarara naho ijwi ryayo riba ryumvikanye.
6 Kuko ibwira urubura* iti: “Gwa kw’isi+!”
Igategeka imvura iti: “Gwa ku bwinshi+!”
8 Ibikoko vyo mw’ishamba binyegera mu myobo yavyo
kandi bikigumira aho vyibera.
11 Ituma ibicu biremera kubera ubukanye,
igatuma imiravyo yayo+ irabagiza mu bicu.
12 Birazunguruka bikaja iyo ibirungitse,
16 Urazi ingene ibicu vyenena mu kirere+?
Ivyo ni ibikorwa bitangaje vy’umwe afise ubumenyi butagira agahaze+.
19 Tumenyeshe ivyo twoyibwira.
Ntidushobora kuyishura kuko turi mu mwiza.
20 Mbega irakeneye uwuyibwira ko nshaka kuvuga?
Canke irakeneye kumenyeshwa ivyo umuntu yavuze+?
21 Nta n’ubwo abantu bashobora kubona umuco*
naho ukayangana kw’ijuru,
kiretse haje umuyaga ugatwara ibicu biwukingiriye.
23 Ntidushobora gutahura Mushoboravyose+.
Ububasha bwiwe burarenze+,
kandi ntiyigera agoreka ubutungane bwiwe+ n’ubugororotsi bwiwe bwinshi+.